Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko Koreya ya ruguru 'iriko isanura ikigo c'ibisasu vya rokete' ca Sohae

Sohae camye ari ikigo c'irungikwa ry'ibigendajuru ca Koreya ya ruguru Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sohae camye ari ikigo c'irungikwa ry'ibigendajuru ca Koreya ya ruguru

Abihweza ibintu n'ibindi bamenyesha ko amasanamu mashasha atangwa n'ibigendajuru yerekana ko Korea ya ruguru iriko isanura ikigo gitererwamwo ibisasu vya rokete yari yemeye gusambura.

Ayo masanamu yafashwe iminsi ibiri inyuma y'aho ibiganiro hagati y'abategetsi b'ibihugu vya Amerika na Koreya ya ruguru birangiriye ata masezerano bashitseko yo gukura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara muro Koreya ya ruguru.

Ikigo kiri ahitwa Tongchang-ri camye gikoreshwa mu kurungika ibigendajuru n'igeragezwa ry'amamoteri, ariko nticigeze gikoreshwa mw'iterwa ry'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.

Ibikorwa vyo gusambura ico kigo vyatanguye mu mwaka uheze wa 2018, ariko vyaje guhagarara inyuma y'aho ibiganiro na Amerika bihagarariye.

Icemezo co gusambura ico kigo cabonetse ko cari gutuma haba ukwizerana hagati y'ibihugu vya Amerika na Koreya ya ruguru.

Hagati aho, Amerika yagabishije Koreya ya ruguru ko ishobora gufatirwa ibindi bihano mu gihe ubutegetsi bwa Koreya ya ruguru butofata ingingo yo gusambura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.

Ayo masanamu yerekanwa n'ibigendajuru, yavuye mu mirwi myinshi y'abashakashatsi muri Amerika n'ivyemezo bitangwa n'igisata kijejwe igendereza muri Koreya y'epfo, asa n'ayerekana ko ivyo bikorwa vyo gusanura ikigo ca Sohae mu karere ka Tongchang-ri bigeze kure.

Kuva mu mwaka wa 2012, Sohae yabaye ikigo gikomeye ca Koreya ya ruguru c'ukurungika ibigendajuru be n'igeragereza ry'imoteri za misile zishobora gushika muri Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump na Kim Jong-un bari mu biganiro i Hanoi muri Vietnam mu kwezi guheze kwa kabiri, ariko nta kinini bashitseko

Ariko nticigeze gikoreshwa nk'igeragerezo ry'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara vyamye bifatwa nk'agasotoro.

Jenny Town, umukuru w'umurwi North 38 ujejwe umwihwezo w'amakuru ajanye na Koreya ya ruguru, avuga ko iryo tandukanirizo rikomeye.

Avuga ati: "Abanyakoreya ya ruguru bashobora kuba babona ko iryo sanura atasano rifitaniye n'umugambi wabo w'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, ko ahubwo ari umugambi wa gisivile ujanye n'irungikwa ry'ibigendajuru - arivyo bamye bavuga kuva kera".

Umupfasoni Town avuga ko ibikorwa vy'ugusanura ico kigo bishobora kwerekana ko atakwizerana kuhari mu biganiro hagati y'abategetsi ba Amerika na Koreya ya ruguru.

Abenshi mu bihweza ibintu n'ibindi babona ko aho ibintu bigeze ubu, ata mugambi wo kugerageza ibirwanisho ruhonyanganda, ko ahubwo Bwana Kim ashaka kuraba aho ukwihangana kwa Perezida Donald Trump kugera.

Bavuga ko mu gihe Koreya ya ruguru yoshika kure igasubira kwubaka ikigo c'igeragerezo ry'ibirwanisho ruhonyanganda, ikarenga ku masezerano yemeye yo kudasubira kubigerageza, irashobora guhura n'uburakari bwa Bwana Trump bavuga ko asanzwe agoye kumenya ivyiwe.