Perezida Maduro wa Venezuela yarahiye ko agiye gutsinda 'inkehwa zisara'

Perezida Nicolas Maduro wa Venezuela avuga ko ategerezwa gutsinda abo yise "inkewa zisara" zishaka kumukura ku butegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Nicolas Maduro wa Venezuela avuga ko ategerezwa gutsinda abo yise "inkewa zisara" zishaka kumukura ku butegetsi

Umukuru w'igihugu ca Venezuela Nicolás Maduro yarahiye ko ategerezwa gutsinda abo yise "inkehwa zisara" zishaka kumukura ku butegetsi.

Mu buryo bwo guhangana n'uwo batavuga rumwe Juan Guaidó, Bwana Maduro yatumyeko "imyiyerekano y'ukwiyamiriza abashaka kuvogera igihugu" ciwe ku musi wa gatandatu.

Itegekanyijwe kubera rimwe n'iyo kwiyamiriza leta yateguwe n'abatavuga rumwe na leta.

Mw'ijambo yashikirije mu birori vyo kwibuka imyaka itandatu iheze uwo yasubiriye, Hugo Chávez, yitavye Imana, Bwana Maduro yavuze ati: "Mu gihe inkehwa zisara zibandanya zibiba urwanko n'inzigo, birabasha. Ntaco bitubwiye, bagenzi dusangiye igihugu".

Ari imbere y'abasirikare, yamenyesheje ko abo bazotsindwa.

Yavuze ati: "Tuzobahagarika ataco barashikako, duhagarike n'ibikorwa vyabo".

"Reka izo nkehwa babandanye n'inzigo yabo, tuzobatsinda. Kw'izina rya Chávez tuzobikora, twongere tubikore no kubw'iteka ry'igihugu".

Yagirije abatavuga rumwe na leta ko bariko bategura gusenyura ubutegetsi bafashijwe na Amerika.

Nibwo bwa mbere Bwana Maduro agize ico atangaza kuva Bwana Guaidó arenze ku ngingo ya leta agasubira mu gihugu ku munsi wa mbere.

Amerika irategekanya ibindi bihano

Ku rundi ruhande, Amerika ivuga ko iriko yihweza ko yofatira ibindi bihano Bwana Maduro kugira ngo ahebe arekure ubutegetsi.

Intumwa ya Amerika muri Venezuela, Elliott Abrams, avuga ko bitoroshe kubona uruhara rwa Maduro mu matora aciye muri demokarasi yo muri kazoza.

Avuga ati: "Nimba yashaka kwubaka Venezuela irangwamwo intwaro rusangi, yararonse akaryo ko kubikora, ariko ntavyo yashoboye".

Imigumuko irangwa mu gihugu ca Venezuela yavuye ku butunzi bw'ico gihugu bwasubiye inyuma, bituma haba ibibazo vy'imishahara, ndetse igihugu kikaba kiri mu ngorane zo kuronka ivya nkenerwa nk'imiti n'imfungurwa.

Abanyavenezuela barenga imiliyoni zitatu baramaze guhungira hanze kubera ivyo bibazo.

Bwana Guaidó, umunyepolitike atavuga rumwe na leta akaba arongoye inama nshingamateka, yaritangaje mu kwezi kwa mbere uno mwaka ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza kugira yomore Bwana Maduro arongoye Venezuela imaze igihe mu myiyerekano.

Ibihugu birenga 50 harimwo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'ibihugu vyo muri Amerika y'epfo vyaramwemeje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza.

Perezida Maduro wewe ararahira akarengwa ko adashobora gutanga imihoho nk'uko abandanya abisabwa n'amakungu.

Ashigikiwe nibihugu vy'Ubushinwa n'Uburusiya, Bwana Maduro abandanya ashimangira ko ari we mukuru w'igihugu yemewe n'amategeko.

Umumenyeshamakuru wa BBC Will Grant ari ku mugwa mukuru Caracas avuga ko akamo yateye k'imyiyerekano yo ku musi wa gatandatu ari imyiteguro y'ukubandanya ahanganye na Bwana Guaidó.

Ibindi bisa n’ibi