Perezida Trump 'yobabara' mu gihe Koreya ya ruguru yoba iriko isanura ikigo Sohae c'ibisasu vya rokete

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Donald Trump avuga ko hakiri kare kwemeza ko Koreya ya ruguru iriko isanura ikigo c'ibisasu vya rokete

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, avuga ko "yobabara" mu gihe vyoboneka ko Koreya ya ruguru iriko irasanura ikigo Sohae gitererwamwo ibisasu vya rokete.

Amasanamu yerekanywe n'ibigendajuru ku munsi wa gatatu, asa n'ayerekana ko Koreya ya ruguru iriko isanura ico kigo yari yemeye gusambura.

Ibikorwa vyo gusambura ico kigo vyari vyatanguye mu mwaka uheze wa 2018, aho vyaboneka ko Koreya ya ruguru yari yemeye ivyo yasabwa.

Ibiganiro hagati ya Bwana Trump n'indongozi ya Koreya ya ruguru, Kim Jong-un, vyarahagaze mu gihe abo bategetsi bahurira mu gihugu ca Vietnam mu ndwi iheze.

Avugana n'abamenyeshamakuru, Bwana Trump yavuze ko hakiri kare kwemeza iyo nkuru.

Avuga ku vyerekeye amakuru y'isanura ry'ico kigo ku munsi wa gatatu, Bwana Trump yagize ati: "Nobabara cane mu gihe ivyo vyoshika".

"Haracari kare cane. Nobabazwa cane rwose n'indongozi ya Koreya ya ruguru - ariko sinibaza ko ari vyo - reka turabe ingene bizogenda. Tuzoguma turi maso. Kizotegerezwa gutorerwa umuti".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Trump na Bwana Kim mu nama y'i Vietnam

Inama iherutse kuba hagati y'abo bategetsi babiri ku mugwa mukuru Hanoi wa Vietnam mu ndwi iheze, yarangiye ata masezerano bashitseko y'ingene Koreya ya ruguru yipfuza kugabanya umugambi wayo w'ihingurwa ry'ubumara (Programme nucléaire) imbere y'uko ikurwako ibihano bimwe bimwe.

Ikigo ca Sohae kiri ahitwa Tongchang-ri camye gikoreshwa mu kurungika ibigendajuru n'igeragezwa ry'amamoteri, ariko nticigeze gikoreshwa mw'iterwa ry'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.

Ayo masanamu mashasha yerekanwa n'ibigendajuru, yavuye mu mirwi myinshi y'abashakashatsi muri Amerika n'ivyemezo bitangwa n'igisata kijejwe igendereza ca Koreya y'epfo, asa n'ayerekana ko ivyo bikorwa vyo gusanura ikigo ca Sohae mu karere ka Tongchang-ri bigeze kure.

Ariko umumenyeshamakuru wa BBC Laura Bicker avuga ko ico gikorwa gishasha coba ari nk'uburyo bwa Koreya ya ruguru bwo kwibutsa igihugu ca Amerika ko ifise ubuhinga bwo gukora ibirwanisho.

Imbere yaho, umuhanuzi wa Amerika mu vy'umutekano, John Bolton, yari yamenyesheje ko Koreya ya ruguru ishobora gufatirwa ibindi bihano mu gihe ata ntambwe yoshikwako mu gukura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara muri Koreya ya ruguru.

Igihe abo bategetsi bompi babonanira ubwa mbere mu gihugu ca Singapour mu mwaka uheze wa 2018, bari bumvikanye ko Koreya ya ruguru igiye guheba umugambi wayo w'ugukora ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, ariko nta kintu kinini cashitsweko.