Perezida Maduro wa Venezuela arakeza igisirikare avuga ko cahagaritse 'ihirikwa ry'ubutegetsi'

Perezida Maduro kwigina intsinzi "ku barwanya ubutegetsi bwiwe" Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Maduro kwigina umunsi w'intsinzi "ku barwanya ubutegetsi bwiwe"

Umukuru w'igihugu ca Venezuela, Nicolás Maduro, arakeza igisirikare cagumye kimuyoboka kikaburizamwo ico yise "ihirikwa ry'ubutegetsi" ryateguywe na Amerika hamwe n'uwo batavuga rumwe, Juan Guaidó.

Ivyo yabivugiye imbere y'ingoro yiwe ya Miraflores ejo ku wa gatandatu, mu gihe c'imyiyerekano yari yatunganijwe n'ubutegetsi kugira bahangane n'abashigikiye Bwana Guaidó nawe yari arongoye iyindi yo kwiyamiriza ubutegetsi.

Muri iryo jambo, Bwana Maduro yagirije Juan Guaidó bahanganye ko ari "icitso n'igikoresho" ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Avuga ati: " Bari bahamagaye ingabo guhirika ubutegetsi, inyishu yazo turayizi-zaranesheje abashatse guhirika ubutegetsi".

Muri uwo mwanya, igipolisi cari gihanganye n'abandi bari mu myiyerekano yateguwe n'abatavuga rumwe na leta ku mugwa mukuru.

Bamwe mu bari muri iyo myiyerekano harahangaye abapolisi bari bambaye imyambaro y'igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko.

Bagenda babatuka ngo ni abicanyi, nabo bagaca babasukamwo ivyotsi vyokera.

Ashikiriza ijambo ku bari bitavye iyo myiyerekano, Bwana Guaidó yamenyesheje ko agiye kuzunguruka igihugu cose ahamagarira abanywanyi biwe kwitabira " vuba" imyiyerekano ikomeye ku mugwa mukuru Caracas.

Yavuze ati: "Abanyavenezuela twese tuzoza i Caracas, kuko dukeneye ko bose baba umwe".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Juan Guaidó yabwiye abanywanyi ko bategerezwa kubandanya biyamiriza leta

Mu gihe umugwa mukuru Caracas n'ibindi bisagara hagati mu gihugu biri mu mwiza kubera umuyagankuba wacitse kuva ku munsi wa kane, Bwana Maduro yagirije abatavuga rumwe ko ari bo babiteguye babifashijwemwo na Amerika.

Bwana Guaidó wewe avuga ko iryo cika ry'umugayankuba riva ku myaka igihugu kimaze ata migambi ifashwe yo guteza imbere ico gisata.

Juan Guaidó arongoye inama nshingamateka ya Venezuela yaritangaje ku wa 23 z'ukwezi kwa mbere uyu mwaka ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza w'ico gihugu, akaba ashigikiwe n'ibihugu birenga 50 harimwo na Amerika yamwemeje ubwa mbere.

Perezida Maduro wewe ashigikiwe n'igisirikare ca Venezuela hamwe n'ibihugu vy'Uburusiya n'Ubushinwa .

Yamye yagiriza Bwana Guaidó agerageza gutembagaza ubutegetsi bwiwe abifashijwemwo na "Leta Zunze Ubumwe za Amerika zisanzwe zimurwanya".