Indege Ethiopian Airlines yagize isanganya igana muri Kenya, 'nta n'umwe yarokotse'

Iryo sanganya ryoba ryabereye ahitwa Bishoftu
Image caption Iryo sanganya ryoba ryabereye ahitwa Bishoftu

Indege Boeing 737 y'ikompanyi yunguruza abantu yo mu gihugu ca Ethiopia, Ethiopian Airlines, yagize isanganya kuri uyu wa Mungu mu gatondo mu gihe yariko igana i Nairobi muri Kenya ivuye ku mugwa mukuru Addis-Abeba.

Amakuru atangwa n'abarongoye iyo kompanyi avuga ko mu ngenzi 149 n'abakozi bose umunani bari muri yo ata n'umwe yarokotse.

Iyo kompanyi imenyesha kandi abari muri iyo ndege bakomoka mu bihugu 33.

Icatumye iyo ndege igira iryo sanganya ntikiramenyekana gushika ubu.

Umuvugizi wayo yamenyesheje ko iryo sanganya ryabaye isaha zibiri n'iminota 44 mu masaha y'agatondo kuri uno musi wa Mungu, haheze akanya gatoya ihasgurutse iva ku mugwa mukuru wa Ethiopia.

Mw'itangazo ubwo buyobozi bwari bwasohoye iryo sanganya rikiba, bumenyesha ko haciye iminota itandatu iyo ndege ihagurutse ivyo guhanahana amakuru hagati y'abajejwe ivy'ibirere (radar) n'iyo ndege vyaciye bicika.

Iryo tangazo ryavuga riti: " Abakozi ba Ethiopian Airlines bahava barungikwa aho iryo sanganya ryabereye kandi barakora uko bashoboye kugira ngo bafashe abajejwe ubutabazi".

Ikompanyi Ethiopian Airlines imenyesha ko umukuru wayo,Tewolde Gebremariam, yari yishikiye aho iryo sanganya ryabereye akaba yababajwe cane n'ukubona ata n'umwe yarokotse.

Uwufise ububasha kw’isanamu Facebook/Ethiopian Airlines
Image caption Ethiopian Airlines yavuze ko umukuru wayo yari yishikiye aho iryo sanganya ryabereye

Urubuga hwaniro rw'Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed nirwo rwatanguye kumenyesha ivy'iryo sanganya.

Kuri urwo rubuga yanditse ahoza "imiryango yose yaburiye ababo muri iryo sanganya".

Vyari vyitezwe ko ishika ku kibuga c'indege mpuzamakungu Jomo Kenyatta ca Nairobi isaha zine n'igice.

Umumenyeshamakuru wa BBC, Jibat Tamirat, yavuganye n'uwitwa Bekele Gutema avuga ko yari hafi y'aho iryo sanganya ryabereye, ahitwa Bishoftu ku birometero 60 mu bumanuko bushira ubuseruko bw'umugwa mukuru Addis-Abeba.

Avuga ati: "Umuriro wari mwinshi cane aho indege yagwa hasi ku buryo tutashobora kwegera. Yose yahiye iratokombera. Abajejwe kuzimya imiriro bashitse isaha zitanu mu gihe isanganya ryabaye hafi nk'isaha zibiri...".

Ikompanyi Ethiopian Airlines yegukira leta ya Ethiopia yashinzwe n'umukuru w'ico gihugu, Haile Selassie, mu mwaka wa 1945, isanzwe ari imwe mu makompanyi yo muri Afrika yo musi y'ubugaragwa bwa Sahara yizewe cane.

Yaheruka kugira isanganya mu mwaka wa 2010 aho indege yayo yagwa mu kiyaga Mediterranee, haheze akanya gato ivuye ku kibuga c'indege ca Beirut mu gihugu ca Libani, abantu 90 bari muri iyo ndege barahasize ubuzima.