Amerika ivuga ko Boeing 737 Max 8 ikwiye kubandanya ikora

Ethiopian Airlines Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari amakonpanyi atari make akoresha indege Boeing 737 Max 8

Ubuyobozi bw'ikigo kijejwe ingendo z'indege muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bumenyesha amashirahamwe yunguruza abantu mu ndege ko bwizeye y'uko indege zo mu bwoko bwa Boeing 737 Max 8 zikwiye kubandanya zitwara abantu.

N'inyuma y'amasanganya abiri akomeye mu kiringo c'amezi atandatu.

Mw'itangazo ubwo buyobozi, Federal Aviation Administration (FAA) , bwasohoye ejo ku wa mbere, bumenyesha ko "iyo ndege yobandanya ikoreshwa" bukavuga ko ata ngorane ifise.

Umunyamabanga ajejwe kwunguruza abantu n'ibintu, Elaine Chao, avuga ko ubuyobozi bwa FAA "buzofata ingingo yihuta kandi ibereye" mu gihe hokwibonekeza ingorane muri iyo ndege.

Ariko Paul Hudson arongoye ishirahamwe FlyersRights.org akaba ari muri komite ijejwe guhanura abafata amategeko (Aviation Rulemaking Advisory Committee) mu kigo FAA, wewe siko abibona.

Bwana Hudson asaba ko ingendo z'iyo ndege zihagarikwa.

Avuga ati: " Inyifato ya FAA 'y'ukurindira kugira urabe' ihitana ubuzima bw'abantu kandi igacafuza igisata ca Amerika kijejwe ingendo z'indege ".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Ifoto yerekana igice c'ikirato c'umwe mu bari mu ndege ya Ethiopian Airlines yagize isanganya ku munsi wa Mungu

Indege y'ikompanyi Ethiopian Airlines yo mu gihugu ca Ethiopia yari ivuye i Addis Abeba ija i Nairobi yarakorotse inyuma y'iminota itandatu ihagurutse ku munsi wa Mungu, yica abantu 157 bari muri yo.

Iryo sanganya ryahitanye ingenzi zikomoka mu bihugu birenga 30, harimwo n'umuryango w'abanya Canada bamuka mu gihugu c'Ubuhindi.

Kosha Vaidya w'imyaka 37 n'umugabo wiwe Prerit Dixit w'imyaka 45, bari batwaye abana babo babiri, Ashka w'imyaka 14, na Anushka w'imyaka 13, i Nairobi aho Kosha yavukiye, akaba yari kumwe n'abavyeyi biwe, Pannagesh Vaidya w'imyaka 73 hamwe na Hansini Vaidya w'imyaka 67.

Ethiopian Airlines ivuga ko yahagaritse ingendo zose z'indege Boeing 737 Max 8 "nk'ukwicungera", "gushika hasohotse iyindi ngingo".

Amatohoza azokorwa n'abategetsi ba Ethiopia bafashijwe n'imirwi y'abahinga b'ishirahamwe rihingura indege Boeing , hamwe n'ikigo ca Amerika kijejwe kwitaho ubuzima bw'ingenzi, US National Transportation Safety Board.

Image caption Indege ya Ethiopian Airlines yaguye ahitwa Bishoftu inyuma y'iminota itandatu ihagurutse

Iryo sanganya ryakurikiye irindi ry'indege 737 Max 8 ya kompanyi Lion Air yo mu gihugu ca Indonesia mu kwezi kw'icumi kw'umwaka uheze, yahitanye abantu 189.

Amwe mu mashirahamwe agendesha indege yaciye ategeka ko ingendo z'iyo ndege zibanza guhagarikwa hakabanza kuba amatohoza.

Hampande ya Ethiopia, ibihugu birimo Australia, Ubushinwa na Indonesia navyo vyategetse amakopanyi yavyo y'indege guhagarika ingendo zayo.

Eka n'amakompanyi Aerolineas yo muri Argentina, Aeromexico yo muri Mexique hamwe na Aeromexico yo muri Brezili yarahagaritse ingendo z'iyo ndege.

Ubuyobozi bw'ingendo z'indege mu gihugu ca Singapour nabwo bwamenyesheje kuri uyu wa kabiri ko "buhagaritse umwanya mutoyi ivy'uruja n'uruza rw'indege Boeing 737 Max hanze no hagati mu gihugu".

Ariko hari n'ayandi makompanyi y'indege yabandanije ingendo z'iyo ndege 737 Max 8 inyuma y'uko ishirahamwe Boeing rimenyeshereje ko ata ngorane iyo ndege ifise.