ONU ivuga ko intureka z'i Yumbi muri Kongo zishobora kuba zabayemwo ivyaha vy'agahomerabunwa

Aho hari ikinogo cikekwa ko coba cahambwemwo abantu bashika 100 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Aho hari ikinogo cikekwa ko coba cahambwemwo abantu bashika 100

Itohoza ryakozwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko imigumuko yabaye muri Republika y'Intwaro Rusangi ya Congo umwaka uheze wa 2018 ishoroba kuvamwo ivyaha vy'agahomerabunwa vyakorewe kiremwamuntu.

Iryo tohoza rivuga ko n'imiburiburi abantu bashika 500 bishwe, harimwo imiryango yatuririwe mu mazu yabo be n'umwana w'imyaka ibiri y'amavuka yatawe mu kinogo gisukwamwo imyanda mu tuzu twa surwumwe (fosse septique).

Imishamirano ishingiye ku moko yaradutse hagati y'umuryango umwe washatse guhamba umuntu wabo mw'itongo ry'uwundi muryango.

Iryo tohoza ryerekana ko iyo mishamirano ishobora gusubira kwaduka umwanya n'umwanya.

Abakoze iryo tohoza bamenyesha ko imishamirano yabaye hagati y'amagenekerezo ya 16 na 18 mu kwezi kw'icumi na kabiri kw'umwaka uheze "yari yateguwe kandi ishirwa mu ngiro ihagarariwe n'abarongozi kama".

Abo mu muryango w'aba Batende barateye imitumba y'aba Banunu "mu gitero cari gikomeye kandi cakozwe mu bubangutsi, ku buryo batabahaye n'akanya ko guhunga".

Iryo tohoza rivuga kandi ko abategetsi b'intara mu gace ka Yumbi, ni mu ntara ya Mai-Ndombe iri mu burengero bw'igihugu, "basa n'abananiwe n'igikorwa bajejwe co gukingira abanyagihugu".

Abahasize ubuzima bashobora kuba barenga igitigiri gitangwa c'abantu 535 bari mu cegeranyo cabo.

Mu kwezi guheze, ONU yavuga ko yikeka ko hoba hapfuye n'imiburiburi abantu 890.

Ryaciye rirungika umurwi w'abagira amatohoza bashoboye gushika ku mutumba umwe gusa mu mitumba ine yatewe.

Hariho n'amakuru avuga ko hari ibiziga vyatawe mu ruzi Kongo.

Amatora y'umukuru w'igihugu yabaye ku wa 30 z'ukwezi kwa cumi na kabiri kw'umwaka uheze yarungururijwe ku wa 31 z'uku kwezi kwa gatatu muri ako karere ka Yumbi kubera imigumuko.

Ni mu gihe Felix Tshisekedi yahoze atavuga rumwe na Joseph Kabila yamaze gutangazwa ko yatsinze ayo matora.