Inkoko 'zagiye hamwe' zica imbwebwe yari iziteye mu Bufaransa

Nkuko bivugwa n'iri shure ry'uburimyi, inkoko zirashobora guhangana n'inyamaswa idashoboye kwihagararako Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nkuko bivugwa n'iri shure ry'uburimyi, inkoko zirashobora guhangana n'inyamaswa idashoboye kwihagararako

Vyemezwa ko inkoko zo kw'ishure rimwe riri mu buraruko bushira uburengero bw'Ubufaransa zagiye hamwe zica imbwebwe ikiri ntoya.

Ico kintu kidasanzwe cabereye ahitwa Bretagne mu gihe iyo mbwebwe yinjira mu nzu y'inkoko yarimwo inkoko zishika 3000 mu gihe umuryango wiyugurura ugaca wiyugara ubwo nyene.

Pascal Daniel ajejwe uburimyi kw'ishure rya Gros-Chêne, yavuze ko ikirwi kinini c'isake zaciye ziyitera mu kuyinobagura n'iminwa yazo.

Iyo mbwebwe yagiye gutorwa bukeye aho yapfiriye mu mfuruka y'iyo nzu y'inkoko.

Bwana Daniel yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Zari zayinobaguye n'iminwa yazo".

Inkoko zishika 6000 zisanzwe zitungiwe mw'itongo rifise uburinganire bwa hegitari zitanu.

AFP yongeyeko ko iyo nzu iba yuguruye ku murango, maze inkoko zikamara umunsi wose zitembera hanze.

Igihe uwo muryango wiyugara, iyo mbwebwe yoba yari ifise amezi atanu canke atandatu yaciye isanga yugaranywe.

Bwana Daniel yabwiye ikinyamakuru Ouest France co muri ako karere ati: "Ikirwi kinini c'inkoko zaciye zizira rimwe iyo mbwebwe ica iratinya ibonye ko zari nyinshi" .

"Zirashobora kurinda iyo ziri hamwe ari nyinshi".

Ibindi bisa n’ibi