Ikompanyi Boeing yahagaritse indege zose za 737 Max

Abanyagihugu bashitse ahabereye isanganya ry'indege ya Ethiopian Airlines Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanyagihugu bashitse ahabereye isanganya ry'indege ya Ethiopian Airlines

Ikompanyi Boeing yahagaritse indege zose zo mu bwoko bwa 737 Max inyuma y'aho aho abashakashatsi baronkeye ibimenyetso bishasha kw'isanganya ry'indege ya Ethiopian Airlines.

Iyi kompanyi yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ikora indege yamenyesheje ko yahagaritse indege 371 zose.

Ubuyobozi bw'ikigo kijejwe ingendo z'indege muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, FAA mu mpfunyapfunyo y'icongereza, bumenyesha ko ivyemezo bishasha hamwe n'ibimenyetso bitangwa n'ibigendajuru (satellites) vyatumye hafatwa iyo ngingo y'uko izo ndege ziba zirahagaritswe.

FAA ifise umurwi uriko ukora amatohoza uri kumwe n'ikigo ca Amerika kijejwe kwitaho ubuzima bw'ingenzi, aho iryo sanganya ry'indege ya Ethiopian Airlines ryabereye ku munsi wa Mungu uheze.

Dan Elwell arongoye vy'imfatakibanza FAA ejo ku wa gatatu yamenyesheje ko impande zompi zabonye ko hari isano riri hagati y'isanganya ry'indege ya Ethiopian Airlines n'iry'ikompanyi ya Lion Air yo muri Indonesia.

Yongeyeko ati: "Ibimenyetso twabonye aho iryo sanganya ryabereye birasa cane n'ivy'isanganya y'indege ya Lion Air".

Mu ntango Perezida Donald Trump wa Amerika yari yamenyesheje ko FAA ishobora gufata ingingo yihuta ifatiye "ku makuru mashasha n'ivyemezo vyavuye aho iryo sanganya ryabereye hamwe no mu bindi bice, bafatiye kandi no ku yindi myidogo".

Iyo kompanyi Boeing yoyo ubwayo yari yamenyesheje y'uko "icizeye ko indege zayo za 737 Max ata ngorane zifise".

Uwufise ububasha kw’isanamu Joe Raedle
Image caption Indege Boeing 727 Max 8, y'ikompanyi ya Amerika, American Airlines

Ariko iyo kompanyi yongeyeko ko, imaze kuvugana n'ubuyobozi bwa FAA hamwe n'ikigo ca Amerika kijejwe kwitaho ubuzima bw'ingenzi, yafashe ingingo yo guhagarika izo ndege "nk'ukwinengesera, mu ntumbero yo kwizeza abasanzwe bafata iyo ndege ko atakibazo kihari".

Dennis Muilenburg, umukuru w'ikompanyi Boeing, avuga ko bari kumwe n'abashakashatsi bariko bakora ibishoboka vyose kugira bamenye icateye ayo masanganya yompi, bongere bakomeze umutekano w'izo ndege, kugira ngo ivyabaye ntibize bisubire.

Ku ruhande rwiwe, Sara Nelson arongoye ishirahamwe ry'abakozi bo mu ndege (Association of Flight Attendants-CWA) avuga ko ikiza imbere ya vyose ari ubuzima bw'abantu.

Avuga ati: "Imbere ya vyose n'ubuzima bw'abantu. Ariko n'izina naryo rikeneye gukingirwa. Iryo zina naryo si Boeing. Ni Amerika. Ic'ari co Amerika mu vyerekeye ugukora n'ugukoresha indege kw'isi".

Gushika ejo ku wa gatatu, ubuyobozi bw'ikigo kijejwe ingendo z'indege, FAA, bwamenyesha ko amatohoza yerekana ko "ata ngorane z'ubuhinga iyo ndege ifise", ko rero ata gituma yari guhagarikwa.

Hagati aho, ibihugu vyinshi vyari vyahagaritse iyo ndege inyuma y'isanganya ry'indege ya Ethiopian Airlines ryahitanye abantu 157.

Iryo sanganya ryari rigize kabiri mu mezi atanu, inyuma y'irindi ry'iyo ndege nyene yegukira ikompanyi Lion Air ryabaye mu kwezi kw'icumi kw'umwaka uheze wa 2018, ryahitanye abantu 189.