Perezida Félix Tshisekedi wa Kongo yatanze ikigongwe ku bapfungwa ba politike 700

Perezida Tshisekedi niwe yatanze itegeko ryo kurekura abo bapfungwa ba politike
Image caption Perezida Tshisekedi niwe yatanze itegeko ryo kurekura abo bapfungwa ba politike

Umukuru w'igihugu ca Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo aherutse gutorwa, Félix Tshisekedi, yagiriye ikigongwe abapfungwa ba politike batatu bakomeye hamwe n'abandi basanzwe 700.

Umuyobozi mukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu, Vital Kamerhe, niwe yamenyesheje iyo nkuru ejo ku wa gatatu kuri televiziyo y'igihugu.

Mu banyepolitike bapfunguwe, Franck Diongo, Diomi Ndongala na Firmin Yangambi bari bapfunzwe bagirizwa imigumuko ku butegetsi bwa Joseph Kabila wahoze atwara iki gihugu.

Firmin Yangambi ni umunyamategeko yari yahagaritswe mu mwaka wa 2009 acirirwa urubanza rwo gupfa inyuma y'umwaka. Yari yagirijwe gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha be n'ugutegura imigumuko.

Nayo Franck Diongo yari yapfunzwe mu mwaka wa 2016 yagirizwa ko yahohoteye abasirikare batatu bari mu nzego zicungera umukuru w'igihugu.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yariyamirije iryo pfungwa yavuga ko rifatiye kumvo za politike.

Abo bantu 700 bari bapfunzwe ku ntwaro ya Bwana Kabila, yari yanse kubarekura nk'uko vyari mu masezerano yagiranye n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe mu mwaka wa 2015.

Ico gikorwa gifatwa nk'ingingo ikomeye kuva Perezida Tshisekedi ashikirijwe ubutegetsi mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka, mu nzira y'ugusubiza hamwe muri ico gihugu kirangwamwo n'indyane.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rimenyesha ko hakiri abapfungwa barenga 100 bapfungiwe ivya politike, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akaba abandanya asaba ko bose bapfungurwa.