Imbuga hwaniro Facebook na Instagram ejo zagize ibibazo bikomeye zitari bwagire kuva zibaho

Ikompanyi Facebook yaremeje ko imbuga zaho zari zifise ingorane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikompanyi Facebook yaremeje ko imbuga zaho zari zifise ingorane

Urubuga hwaniro nyamukuru rw'iyo kompanyi, uburyo bwayo bubiri bwo guhanahana ubutumwa hamwe n'urubuga rwo guhanahana amasanamu Instagram, vyose vyarakozweko n'iyo ngorane.

Ikompanyi Facebook isa n'iyiriko irava mu bibazo yari imazemwo amasaha arenga 14 vyatumye idashobora gukora neza mu bice vyose vy'isi.

Gushika ubu Facebbook ntiramenyesha ingorane yagize.

Ingorane zatanguye kwibonekeza ejo ku wa gatatu inyuma y'umutaga, nk'isaha icumi z'umuhingamo, zikaba zatanguye kugabanuka uno musi mu gitondo.

Vyaboneka ko imbuga zikoreshwa cane mu guhanahana amakuru zituguruka.

Mu gihe wamengo urubuga rwa Facebook rwasa n'ururiko ruriyugurura, abarukoresha bavuga ko batashobora kwandika.

Abakoresha Instagram bamenyesheje ko batashobora kubona amakuru mashasha canke ngo bashireko ibindi bishasha.

Urubuga rwa Messenger rukoreshwa ku nyabwonko ntirwuguruka, ariko urubuga rukoreshwa ku matelefone ngendanwa rwaboneka ko rwemerera abarukoresha kurungikiranira ubutumwa.

Ariko baca bavuga ko babona ibitagenda neza mu gihe bashaka kurungika ibintu bimwe bimwe nk'amasanamu.

Na WhatsApp vyaragoranye

Eka na WhatsApp, nayo nyene ikoreshwa na Facebook mw'ihanahana ry'ubutumwa, yaragize ingorane isa n'iyo.

Facebook yamenyesheje ko yariko iragerageza gutorera umuti ico kibazo.

Iciye ku rubuga rwa Twitter, Facebook yamenyeshe iti: "Turazi ko hari abantu bariko bahura n'ibibazo vyo gukoresha imbuga za Facebook. Turiko turakora ivyo dushoboye kugira dutorere umuti ico kibazo vuba bishoboka".

Ingaruka zitari ntoyi

Imbuga za Facebook zabonetse ko zariko zisubira gukora kuri uyu wa kane mu gatondo, aho Instagram yamenyesha ko yasubiye gukora.

Ikigo DownDetector kijejwe kuraba ubutumwa buriko buca ku mbuga hwaniro, camenyesheje ko iyo ngorane yari kw'isi yose.

DownDetector yamenyesheje ko hari ibice bimwe bimwe vya Bulaya na Aziya vyari bigifise iyo ngorane kuri uyu wa kane mu gitondo.

Izo ngorane zagize ingaruka haba kw'ikompanyi yo nyene ubwayo be no ku bantu canke amashirahamwe ayikoresha mu bikorwa vyayo vya misi yose mu buryo butandukanye biciye ku guhanahana amakuru.

Facebook yaheruka kugira ikibazo nk'iki mu mwaka wa 2008 mu gihe yakoreshwa n'abantu imiliyoni 150, mu gihe ubu ikoreshwa n'abangana imiliyardi 2.3 ku kwezi.