Ubushinwa buvuga ko bugiye kugabanya inkambi bupfungiramwo aba Islamu b'aba Uighur

Abajejwe umutekano bariko baragenzura kamwe mu duce dutuwe n'aba Uighur mu ntara Xinjiang Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubushinwa bwagirizwa gukandamiza aba Islamu b'aba Uighur

Ubushinwa bwamenyesheje ko buzogabanya intambwe ku yindi igitigiri c'inkambi "zigororerwamwo" aba Islamu bo mu bwoko bw'aba Uighur mu ntara yo mu burengero ya Xinjiang.

Ivyo vyashikirijwe n'icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Le Yucheng, mu nama y'ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu i Geneve.

Bwana Le Yucheng yabwiye iyo nama ko mu gihugu ciwe ibintu biriko biratera intambwe kuri ico kibazo.

Ivyo bishikirijwe nyuma y'aho Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivugiye muri ino ndwi ko ziriko zirihweza gufatira ivyemezo abo bose bafise uruhara mu guhohotera abantu i Xinjiang.

Ubushakashatsi buheruka bwerekanye ko aba Uighurs bashika umuriyoni n'igice hamwe n'abandi ba Islamu bashobora kuba barashizwe muri izo nkambi.