Umukuru w'igihugu ca Mozambique avuga ko abantu 1000 boba barahitanywe n’igihuhusi Idai

Abantu buriye hejuru ku mazu no ku biti kugira barokore ubuzima mu gisagara ca Beira muri Mozambique Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu buriye hejuru ku mazu no ku biti kugira barokore ubuzima mu gisagara ca Beira muri Mozambique

Umukuru w'igihugu ca Mozambique, Filipe Nyusi, amenyesha ko igitigiri c'abahitanywe n'igihuhusi Idai muri ico gihugu gishobora kuba gishika 1000.

Ku munsi w'ejo ku wa mbere Perezida Nyusi yarazungurutse n'indege hejuru y'uturere twahuye n'ico gihuhusi, akaba yavuze ko yiboneye imivyimba ireremba mu nzuzi.

Perezida Filipe Nyusi yahagaritse urugendo rwiwe yariko akora mu gihugu ca eSwatini cahoze citwa Swaziland, kugira ngo yirabire ibice vyahuye n'ayo makuba.

Abategetsi ba Mozambique babwiye BBC ko abantu barenga 1500 bakomeretse baguweko n'ibiti vyahenutse be n'ibihomoka vy'amazu yabomaguritse.

Ku munsi wa Mungu, Alberto Mondlane, buramatari w'intara ya Sofala, ariyo irimwo igisagara ca Beira, yavuze ati: "Hafi ibintu vyose vyarashikiriwe n'ico kiza. Hariho abantu bakimerewe nabi, bamwe bakiri hejuru mu biti bakeneye imfashanyo".

Ico gihuhusi cashitse mu micungararo y'ikivuko ca Beira ku munsi wa kane w'indwi iheze kirimwo imiyaga yari ifise umuvuduko w'ibirometero 177 kw'isaha, ariko abagiraneza bakaba bashitse muri ico gisagara ku munsi wa Mungu.

Umwe mu bagiraneza bo mw'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imfungurwa (PAM) yabwiye BBC ko inzu zose zo muri ico gisagara kirimwo abantu ibihumbi 500 zononekaye.

Gerald Bourke, wo mw'ishirahamwe PAM, avuga ati: "Nta nzu n'imwe itashikiriwe. Nta muyagankuba. Nta guhanahana amakuru. Amabarabara yuzuye intsinga z'umuyagankuba zacitse".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisagara ca Beira nico cononywe cane n'ico gihuhusi

Bourke abandanya avuga ati: "Ibisakazo vy'amazu menshi vyarasambutse, co kimwe n'impome. Benshi mu baba muri ico gisagara baratakaje uburaro".

Jamie LeSeur arongoye umurwi w'abagenzuzi bo mw'ishirahamwe rifasha imbabare, Fédération internationale des Sociétés de la Croix-Rouge et du Croissant-Rouge (FICR), yabwiye BBC ko abajejwe gutabara bamaze hafi ijoro ryose bafasha abari binyegeje mu biti.

Ibiharuro bitangwa n'abategetsi ba Mozambique bivuga ko abantu 84 ari bo basize ubuzima muri ico gihuhusi.

Ico gihuhusi kikaba kimaze guhitana abantu bashika 180 mu karere ka Afrika y'ubumanuko.

Ishirahamwe FICR rivuga ko ivyashitse ari "ikiza kandi biteye ubwoba".

Bwana LeSeur avuga ko abanyagihugu bo mu gisagara ca Beira bariko "bita ku rutare" kugira ngo bugurure amayira muri ico gisagara.

Amabarabara ahuza Beira n'ibindi bice vy'igihugu yarononekaye, ariko inzira zo mu kirere zasubiriye gukora.

Ibihugu bibanyi vyaratewe n'ico kiza

Mu gihugu kibanyi ca Zimbabwe, leta imenyesha ko abantu bashika 98 bapfuye, abandi 217 bakaba barabuzwe irengero mu buseruko no mu bumanuko bw'ico gihugu.

Mu bahitanywe n'ico kiza harimwo abanyeshure babiri bo kw'ishure rikuru ry'uburaro ryitiriwe umweranda Charles Lwanga riri mu karere ka Chimanimani, bapfuye mu gihe inzu y'uburaro yabomorwa n'ibibuye vy'urutare vyakorotse biva ku musozi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu barondera abarokotse mu gisagara ca Chimanimani mu ntara ya Manicaland mu buseruko bwa Zimbabwe

Leta ya Zimbabwe yatangaje ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe.

Abategetsi bamenyesha ko umukuru w'ico gihugu, Emmerson Mnangagwa, yahagaritse urugendo rwiwe yarimwo mu gihugu ca Emirats Arabes Unis, asubira mu gihugu ciwe "kugira ngo atange intererano yiwe mu guhangana n'iki kiza".

Eka n'igihugu ca Malawi naco nyene carakozweko n'ico kiza.

Ishirahamwe Reliefweb rimenyesha ko imyuzure muri ico gihugu yavuye ku mvura yaguye imbere y'ico gihuhusi yahitanye abantu bashika 122.

Umumenyeshamakuru wa BBC Chris Fawkes yihweza amakuru y'ikirere avuga ko hari ho ibimenyetso vyerekana ko igice c'uburaruko bwa Mozambique hamwe n'ubumanuko bw'igihugu ca Malawi bishobora guhura n'imvura nyinshi mu minsi mike iri imbere.