Ubwongereza bwasubije imishatsi y'umwami wa Ethiopia, Tewodros II

Igihugu ca Ethiopia ntikiramenyesha aho kizobika ivyo bitsibo vy'iyo mishatsi
Image caption Igihugu ca Ethiopia ntikiramenyesha aho kizobika ivyo bitsibo vy'iyo mishatsi

Inzu ndangamirage y'igisirikare mu gihugu c'Ubwongereza yasubije leta ya Ethiopia ibitsibo vy'imishatsi y'umwami Tewodros II w'ico gihugu, inyuma y'imyaka 150.

Imvyino n'indirimbo z'Abanyaethiopia nivyo vyasamirana igihe ibitsibo bibiri vy'iyo mishatsi vyashikirizwa Hirut Weldemariam, umushikiranganji ajejwe akaranga n'ubukerarugendo, mu birori vyabereye i Londres ku mugwa mukuru w'igihugu c'Ubwongereza.

Mw'ijambo yashikirije, umupfasoni Weldemariam yavuze ati: "Ni iteka kuba mpagaze ngaha uno musi kugira nshikirizwe ibisigarira vy'umwe mu ndongozi za Ethiopia zakundwa".

Yashimiye iyo nzu ndangamirage "ku ngingo ikomeye yafashe yo gusubiza beneyo imishatsi y'uyo mwami".

Justin Maciejewski arongoye iyo nzu ndangamirage yamenyesheje ko ubutegetsi bwayo bwafashe iyo ngingo bwisunze ko iyo mishatsi ari ikintu "kidasanzwe".

Bwana Maciejewski yavuze ko iyo nzu ndangamirage yamye ifata iyo mishatsi "nk'itunga" yabitse mu gice c'"ibisigarira vy'abantu" kugira ngo izoyisubize.

Inyuma y'aho atsindiwe n'igisirikare c'Ubwongereza cari kirongowe na General Napier ku kirimba ciwe ca Maqdala mu mwaka wa 1868, umwami Tewodros II yaciye yirasa abonye agiye gufatwa kuko yari yanse kwishikana.

Abo basirikare b'abongereza baciye bafata imishatsi yiwe barayikata kugira ngo bayigumye nk'ikimenyetso c'intsinzi.

Haciye imyaka 60 ivyo bitsibo bibiri vy'iyo mishatsi bishikirijwe inzu ndangamirage ya gisirikare y'Ubwongereza n'umurwi wigenga ujejwe kurondera ibisigarira.

Ibindi bisa n’ibi