Pompeo wa Amerika avuga ko Imana yoba yarungitse Trump ngo akingire Israyeli ibangamiwe na Irani

Mike Pompeo ni umwe mu bagize leta bagendera cane kuri Bibiriya akaba yitaba mbere ibikorwa vy'umurwi wa leta ujejwe kwiga ibijanye na Bibiriya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mike Pompeo ni umwe mu bagize leta bagendera cane kuri Bibiriya akaba yitaba mbere ibikorwa vy'umurwi wa leta ujejwe kwiga ibijanye na Bibiriya

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, avuga ko "bishoboka" ko Prezida Donald Trump yarungitswe n'Imana kugira ngo akingire Israyeli.

Mu kiganiro yahaye televiziyo ya Amerika, Christian Broadcasting Network, mu gihe yari mu rugendo mu gihugu ca Israyeli, Bwana Pompeo yavuze ko ivyo abivuga yisunze ukwemera kwiwe.

Yari abajijwe nimba "Prezida Trump atoba yatowe mu gihe nk'iki nk'umwamikazi Esther (avugwa muri Bibiriya) kugira ngo ashobore gukingira Abanyisrayeli bangamiwe n' igihugu ca Irani".

Bwana Pompeo yahoze ari senateri wa leta ya Kansas akaba kandi yararongoye ikigo kijejwe igendereza CIA yishuye ati: " Nk'umukirisu, ndemera ko ivyo bishoboka".

Yongeyeko ati : "Ndafise icizere ko Umukama ariko arakora".

Yarashimagije kandi ico yise utwigoro twa Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu "gutsimbataza intwaro rusangi mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati, be no mu gufasha ko ico gihugu c'Abayahudi kibandanya kibaho ".

Ayo majambo ashikirijwe mu gihe ibintu bitoroshe na gatoya mu migenderanire hagati ya Amerika na Irani.

Mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze wa 2018, Trump yarakuye igihugu ca Amerika mu masezerano mpuzamakungu yo kurwanya ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara (Accord Nucléaire), yise « amasezerano y'akaga aha inyungu uruhande rumwe ».

Ku munsi wa gatanu w'indwi iheze, ubutegetsi bwiwe bwarafatiye ibihano vy'ubutunzi abantu 14 n'amashirahamwe 17 yagirizwa ko afasha igihugu ca Irani mu mugambi waco wo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.

Perezida Trump yagiriza Irani ko ifise umugambi w'uguhonya igihugu ca Israyeli, ni mu gihe abandanya akomeza ubucuti budasanzwe n'iki gihugu, akagiriza abo batavuga rumwe b'aba demokarate ko barwanya Israyeli n'abayahudi.

Bwana Pompeo siwe mutegetsi wa mbere ku ntwaro ya Prezida Trump amenyesheje ivyerekeye ishaka ry'Imana mu vyo Bwana Trump akora.

Mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka wa 2019, Sarah Sanders umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche, yabwiye televiziyo yegamiye idini ko Imana «ariyo yashatse ko Donald Trump aba umukuru w'igihugu ».

Eka na Mike Pence, icegera c'umukuru w'igihugu, hamwe kandi na Jeff Sessions yahoze ari umushikirizamanza mukuru wa Amerika, bompi barasiguye umuzo wa Prezida Trump bisunze ivyanditse muri Bibiriya.

Ubutegetsi bwa Prezida Trump kandi nibwo bwa mbere bushinze umurwi wa leta ujejwe kwiga ibijanye na Bibiriya, inyuma y'imyaka ijana.