Umugabo ava mu Burusiya yafashwe yiketswe ko yari anyuruje inguge muri Indonesia

Iyo nguge yafatiwe ku kibuga c'indege ca Denpasar iri mu giseke yatewe imiti yo kuyisinziriza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyo nguge yafatiwe ku kibuga c'indege ca Denpasar iri mu giseke yatewe imiti yo kuyisinziriza

Umugabo akomoka mu gihugu c'Uburusiya yafatiwe ahitwa Bali mu gihugu ca Indonesia yiketswe ko yariko agerageza kunyuruza inguge ikiri ntoya yo mu bwoko bwa Orangutan.

Iyo nguge y'imyaka ibiri y'amavuko bayitoye mu giseke yatewe imiti yo kuyisinziriza mu gihe uyo murusiya, Andrei Zhestkov, yahagarikwa n'abajejwe umutekano ku kibuga c'indege ca Denpasar ku wa gatanu mw'ijoro.

Hari amakuru avuga ko bwana Zhestkov yoba yabwiye abategetsi ko iyo nguge yayihawe n'umugenzi yari yayiguze amadolari 3,000 .

Izo nguge zo muri ubwo bwoko ziri mu bikoko bikingiwe, bwana Zhestkov agashobora gupfungwa imyaka igera kuri itanu mu gihe icaha comwagira.

Umwe mu bategetsi bo ku kibuga c'indege,Dewa Delanata, yabwiye ikinyamakuru Jakarta Post ko "Uyo Murusiya yafatanywe kandi n'imiti mu gasaho kiwe, akaba ngo yategekanya kuyitera iyo nguge mu gihe yari kuba ashitse " mu gihugu ca Koreya y'ubumanuko.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyo nguge yafatiwe ku kibuga c'indege ca Denpasar iri mu giseke yatewe imiti yo kuyisinziriza

Muri ako gasaho kiwe kandi basanzemwo imburu zibiri hamwe n'imiserebanyi itanu, vyose bikiri bizima.

Abategetsi bavuga ko bwana Zhestkov w'imyaka 27 y'amavuko yabwiwe na mugenziwe w'umurusiya nyene ko vyoba vyiza asubiye inyuma atwaye iyo nguge kugira ayigumane nk'igikinisho.

Iyo nyamaswa icungerewe n'ikigo kijejwe gukingira ibiremwa kama co mu gisagara ca Bali (Bali Natural Resources Conservation Agency).

Izo nguge zo mu bwoko bwa Orangutan ziri mu bikoko bigeramiwe n'abahigi be n'abarimyi mu gihugu ca Indonesia.