Igitigiri c’abahitanywe n’igihuhusi Idai ciyongereye muri Mozambike

Hari abantugushika ubu bacinyegeje mu biti no ku mazu muri Zimbabwe
Image caption Hari abantugushika ubu bacinyegeje mu biti no ku mazu muri Zimbabwe

Igitigiri c'abahitanywe n'igihuhusi Idai cateye akarere ka Afrika y'Ubumanuko inyuma y'indwi irenga ciyongereye inyuma y'aho abategetsi bamenyeshereje ko hari abandi bantu bahasize ubuzima.

Umushikiranganji w'ubutaka n'ibidukikije w'igihugu ca Mozambike, Celso Correia, amenyesha ko igitigiri cavuye ku bantu 242 gishika ku bantu 417.

Ivyo biharuro bishasha bishikanye ku gitigiri c'abantu bashika 700 bahasize ubuzima mu bihugu vya Mozambique, Zimbabwe na Malawi vyatewe n'ico gihuhusi.

Ico gitigiri citezwe kubandanya ciyongera.

Muri Zimbabwe, ico gihuhusi cahitanye abantu hafi 259, naho muri Malawi abantu 56 bakaba bahitanywe n'isegenya yaguye imbere yaco.

Ariko ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko abategetsi bazoshikiriza ibiharuro ntabanduka inyuma y'uko umwuzurira uheze.

Kuri uyu wa gatandatu, igisata ca ONU kijejwe kugarukira ku bashikiwe n'ivyago (OCHA) camenyesheje ko inzuzi Buzi na Zambezi zishobora gusubira gutera umwuzurira.

Sebastian Rhodes Stampa arongoye igisata OCHA avuga ati: "Reka tubanze turindire mpaka amazi agabanuke kugira ngo tumenye neza igitigiri c'abahitanywe n'ico gihuhusi muri Mozambike".

Hari ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bakizibiwe n'imyuzurira, mu gihe ibibanza vyateguwe na leta ya Mozambike kugira vyegeranirizwemwo abahuye n'ivyo vyago ariho bitanguye kuronswa imfungurwa.

Bivugwa ko abantu bashika hafi umuliyoni umwe n'ibice indwi bari mu ngorane mu karere ka Afrika y'ubumanuko, aho ata muyagankuba n'amazi meza bafise kubera ico gihuhusi, canasambuye kandi n'amabarabara.

Ku munsi wa gatanu, indwara ya korera yaratanguye kwibonekeza mu gisagara ca Beira muri Mozambike.

Ishirahamwe IFRC rigabisha ko hashobora kuba n' izindi ndwara z'ivyaduka, rikamenyesha ko n'ibiharuro vy'abarwaye malaria bigenda vyiyongera.

Igihuhusi Idai cashitse mu micungararo ya Beira - igisagara kirimwo abantu ibihumbi 500 - ku wa 14 z'uku kwezi kwa gatatu, gifise umuvuduko w'ibirometero 177 kw'isaha.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga ko abanyamozambike hafi ibihumbi 90 aribo begeranirijwe mu bibanza vyateguwe, mu gihe abandi ibihumbi n'ibihumbi bakizibiwe n'imyuzurira.

Bwana Correia avuga ati: "Twashikiwe n'ikiza kitari bwaboneke. Ikiza gishirwa ku rutonde rw'ibindi biza bikomeye cane. Twagize n'igihamana kibi nta n'umwe, haba muri kano karere canke kw'isi yose, yari kwibaza ko ikiza nk'iki cashobora gushika".