Habaye imyiyerekano i Pittsburgh biyamiriza iyezwa ry'umupolisi w’umuzungu yishe umwirabure

Michael Rosfeld Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Michael Rosfeld yejejwe na sentare inyuma y'urubanza rwamaze iminsi ine

Kuri uyu wa gatandatu haratunganijwe imyiyerekano mu karere ka Pittsburgh, ni muri leta ya Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yo kwiyamiriza irekurwa ry'umupolisi w'umuzungu yarashe umusore w'umwirabure ata kirwanisho yari afise.

Mu kwezi kwa gatandatu kw'umwaka uheze, uyo mupolisi Michael Rosfeld w'imyaka 30 y'amavuko yarashe insoro zitatu mu mugongo umusore w'umwirabure, Antwon Rose, yari afise imyaka 17 y'amavuko, mu gihe yariko yiruka ahunga abapolisi.

Muri uwo mwaka uheze, bwana Rosfeld yari yagirijwe ko yakoze ubwicanyi yateguye (homicide volontaire) ariko ku musi wa gatanu w'iyi ndwi sentare yaramwejeje inyuma y'urubanza rwamaze iminsi ine.

Mu gihe hariko haba iyo myiyerekano kuri uyu wa gatandatu, ku biro vy'uwuburanira Rosfeld humvikanye amasasu.

Abantu amajana n'amajana bari mu myiyerekano bazungurutse agace ka Pittsburgh barazibira amabarabara. Baruhukiye ku masanganzira y'ahitwa Freedom Corner aho baririmba imyaka ya Rose.

Uwufise ububasha kw’isanamu Antwon Rose/Facebook
Image caption Antwon Rose w'imyaka 17 yarashwe insoro zitatu ariko ahunga abapolisi

Bamwe bari bafise ivyandiko biriko amazina y'abirabure bishwe n'abapolisi muri ino myaka irangiye.

Se wa Rose, Antwon Rose Sr, yashikirije ijambo abari mu myiyerekano, aho yabasavye ko boyikora mu mutekano.

Avuga ati: "Ivyabaye birababaje cane, sinipfuza ko vyosubira muri kino gisagara cacu".

Yongeyeko ati: " Nshaka amahoro, nta kindi… kubona harabaye imvururu si ukuvuga ko tubitorera inyishu duciye mu ngimba".

Urupfu rwa Antwon Rose ni rumwe mu bwicanyi bukomeye bwakorewe abibabure badafise ibirwanisho bari mu minwe y'abapolisi b'abazungu muri Amerika - ubwicanyi bwateye imyiyerekano n'imigumuko mu gihugu cose.

Lee Merritt, yaserukiye umuryango avuga ko Rose yarashwe mu mugongo ariko " ko ata kabi yari ateye ku bapolisi".

Uwuburanira abiciwe amenyesha ko uwo muryango uriko wuguruza urubanza muri sentare ya gisivile.

Mbega ni ibiki vyashikiye Antwon Rose?

Igipolisi kivuga ko abapolisi bahagaritse imodokari ya Rose kuko babona isa n'imwe mu zariko zironderwa ko zoba zaragize uruhara mu masasu yari yumvikanye hafi yaho. Rose yari umwe mu bari muri iyo modoka muri uyo mwanya.

Mu gihe umushoferi yari ategetswe guhagarara no kuva mu modoka, Rose hamwe n'uwundi muntu atamenyekanye baciye biruka.

Rose yararashwe incuro nyinshi ubw'inyuma, ku kuboko, mu maso no mu nda, ahava arasandaba kubera ibikomere yari yatewe n'ayo masasu.

Abo bapolisi nta vya vyuma bifata amasanamu bari bambaye muri uyo mwanya, ariko ireresi yafashwe n'uwariko yirenganira yarazungurutse ku mbuga ngurukanabumenyi ituma haba imyiyerekano mu karere ka Pittsburgh.

Bwana Rosfeld wewe yari yisiguye avuga ko yari yabonye ikintu cirabura aca yibaza ko yari inkoho, ariko ivyabona bavuga ko Rose ata nkoho yari afise mu minwe.