Ni kuyihe myaka witwa ko ushaje? Inyishu ishobora kuvana n'aho uba

Umutamakazi yambaye amarori yo ku zuba yakoze ikimenyetso c'intsinzi n'ukuboko bw'iburyo akanasongora umunwa nk'uwuriko arasomana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iki cigwa cerekena ko burya koko imyaka ari ibiharuro gusa

Umuntu w'imyaka 45 aba i Papua New Guinea yiyumva nk'umuntu w'imyaka 76 aba mu Bufaransa canke Singapore. Ivyo kandi ni rwo rugero rw'ukumererwa neza rwumvwa n'umuntu asanzwe w'imaya 65.

Ivyo n'ivyashitsweko n'icigwa cimbitse cakozwe n'umugwi mpuzamakungu w'abahinga mu bumenyi, gisohorwa mu kinyamakuru Lancet.

Abo bashakashatsi bihweje ibiharuro bijanye n'amagara vyavuye mu bihugu 195, baca basanga muri rusangi abantu batangura kwerekana ibimenyetso vyo gusaza ku myaka 65.

Basanze ibibazo vy'amagara nko kutumva neza, ingwara z'umutima, gukomeretswa no kugwa hamwe n'ukwononekara kw'imitsi bishobora gushikira abantu ku myaka itandukanye cane bitewe n'aho baba.

Kandi ubudasa hagati y'"abasaza neza" hamwe n'"abasaza kare" bushobora kuba ubw'imyaka 30 canke irenga.

Ico cigwa kandi cihweje gusaza ubifatiye ku kuntu umuntu abayeho neza - hako vyofatirwa ku kuramba - hibandwa ku ngaruka z'indwara ziterwa n'ugusasa, ziza ziraza uko umuntu yegera imbere mu myaka.

Dr Angela Y Chand, yarongoye umugwi wakoze iki cigwa agira ati: "Ubu budasa mu vyo twashitseko bwerekana ko kuramba cane ku bantu bamaze gusaza bishobora kuzana inyungu canke igihombo ku buzima bw'abanyagihugu muri rusangi, bivuye ku bibazo vy'amagara bijana no gusaza abo banyagihugu bahura navyo, utaravye uko imyaka ikurikirana".

Abo bashakashatsi babonye ibintu 92 bijanye no gusaza, bituma haba ugutituka ubutagisubira inyuma kw'amagara y'umuntu ku mubiri no mu mutwe.

Ivy'ibonekeza cane n'indwara zifitaniye isano n'umutima hamwe na kanseri.

Ibiharuro birahindurwa bigasanishwa n'ingero z'abantu mu kibano (SDI) - incamake y'urugero rukoreshwa mu gupima urwego rw'iterambere muri buri gihugu.

Rwibanda ku bipimo vyerekana ibintu bigizwe n'umushahara ngereranyo, urugero rw'amashure hamwe n'ukugwira kw'imvyaro.

Ariko mu gihe ibihugu bikiri mu nzira y'amajambere bifise ISDI ntoyi usanga no kuramba ari guto, navyo birahura n'ingaruka z'ubusaza - gusa ni uko zishika kare.

Mu gihugu cawe vyifashe gute?

Umwihwezo werekanye yuko indwara zijanye n'ubusaza zigize ica kabiri c'ibibazo vy'amagara abantu bakuze bahura navyo kw'isi.

Chang yongerako ati: "Ibibazo vy'amagara biterwa n'imyaka bishobora gutuma haba kuja mu bukukuruke kare, abakozi bake hamwe no gukoresha amahera menshi mu buvuzi.

"Abarongoye amaleta hamwe n'abafise uruhara mu bijanye n'amagara bakwiye kwihweza igihe abantu batangura guhura n'ingaruka mbi z'ubusaza."

Ubu abahinga mu bumenshi bariko baribanda ku kumenya ivyangombwa vyotuma ibimenyetso vy'ubusaza vyigizwa inyuma.

Bishobora kuba ivyo ari vyo vyose, kuva ku gukora imyimenyerezo no guheba kunywa itabi, gushika ku gutunganya neza ibijanye n'ubuvuzi.

Gutegera neza ivyo bintu bishobora kuba ngirakamaro cane mu guhangana n'ibibazo biterwa n'ugusasa kw'abanyagihugu.