Abana b'abakobwa batatu baregwa gutyoza Prezida Nkurunziza barekuwe

Prezida w'u Burundi Pierre Nkurunziza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushikiranganji ajejwe ubutungane yavuze ko Prezida Pierre Nkurunziza akwiye icubahiro ahabwa na bose, abakuru n'abana

Abakobwa batatu b'imiyabaga baregwa gusibanganya ifoto ya Prezida w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, barekuwe bakazokurikiranwa bari hanze.

Umushingwamaza wabo niwe yamenyesheje ko abo bakobwa batatu barekuwe, bazobandanya kurabana bataha

Abo bakobwa batatu bafatanywe hamwe na bagenzi babo batatu, bo baza kurekurwa mu nyuma ata caha na kimwe bagirijwe.

Ipfungwa ry'abo bana batatu ryariyamirije na bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu, bakoresheje imbuga hwaniro.

Ku rubuga hwaniro Twitter bashizeko amasanamu ya Prezida Nkurunziza bahindaguye ku buryo bugayitse canke butwengeje, bagashirako n'akarandankuru (hashtag) kagira gati #FreeOurGirls, canke "rekura abakobwa bacu" mu kirundi.

Mu 2016 hari abandi banyeshure nabo benye bapfunzwe bagiriwe n'icaha nk'ico, ariko mu nyuma benshi muri bo baje kurekurwa.

Ibindi bisa n’ibi