Umukuru w’igihugu ca Mali, Ibrahim Boubacar Keita, avuga ko igihugu kiri mu ntambara

Aba Dogon bamaze imyaka ishika mu binjana hagati muri Mali Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aba Dogon bamaze imyaka ishika mu binjana hagati muri Mali

Mu gihe yishikira aho ubwo bwicanyi mu mpera z'indwi iheze hagati muri Mali, umukuru w'ico gihugu, Ibrahim Boubacar Keita, yasavye igisirikare kwama kigavye.

Prezida Boubacar yamenyesheje ko Mali iri mu gihe c'intambara aho yasa n'uwagiriza igisirikare ko ata bubangutsi cerekana mu guhangana n'imishamirano.

Yavuze ati: "Sinzokwihanganira kubona ingene haca amasaha arenga abiri abasirikare batarashika aho ibara ryabereye.

"Imodokari za gisirikare zitegerezwa kwama zigavye".

Yongeyeko ati: "Turi mu gihe c'intambara, nti turi mu gihe c'amahoro".

Abantu barenga 130 baragandaguwe ku munsi wa gatandatu ku mutumba wa Ogossagou wiganziwe n'abo mu bwoko bw'aba Fulani (canke aba Peul) babeshejweho n'ubworozi, ubwicanyi bwagirijwe abo mu bwoko bw'aba Dogon basanzwe babeshejweho n'uruhigi.

Kuva mu mwaka wa 2015, umutekano ubandanya uhungabana hagati mu gihugu ca Mali bivuye ku ntambara yatewe n'umuhari ugendera mu vyiyumviro bikaze vya kiislamu.

Igisirikare carananiwe n'ugukingira umutekano bikwiye, vyatumye havuka imirwi yo kwirwanira.

Ubwo bwicanyi nibwo bwa nyuma buherutse bwahitanye abantu benshi muri ico gihugu kirangwamwo indyane zigenda ziyongera.

Ibindi bisa n’ibi