Akarere ka Rockland muri leta ya New York muri Amerika katangaje ikiza c’agasama

Ibitigiri vy'abacandagwa bigenda bigabanuka muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibitigiri vy'abacandagwa bigenda bigabanuka muri Amerika

Akarere ka Rockland muri leta ya New York mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika katangaje ibihe bidasanzwe inyuma y'uko kadutsemwo ikiza c'agasama.

Ako karere gaherereye ku ruzi Hudson ruri mu buraruko bw'igisagara ca New York kafashe ingingo yo kubuza kujana abana batacandazwe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi inyuma y'uko abantu 153 bafashwe n'iyo ndwara.

Mw'itangazo ryasohowe ejo kuwa kabiri, abategetsi bavuga ko uwuzorenga kuri iryo tegeko azohanishwa ihadabu y'amadolari 500 n'ugufungwa gushika ku mezi atandatu.

Iryo tangazo ryasohowe inyuma y'aho ico kiza cibonekeje mu ma leta ya Washington, California, Texas na Illinois.

Ibitigiri vy'abicandagisha vyaragabanutse cane muri Amerika bivuye ku kungene abavyeyi benshi babona incanco n'ukwemera gushingiye ku madini, canke bakemera ibihuha vibuga ko izo ncanco zitera indwara z'ukutiyumvira neza.

Ed Day arongoye ako karere ka Rockland avuga ati: " Ntituzorera amaboko mu gihe abana bacu bazoba bahanzwe".

"Iyi ni ingorane ku magara y'abantu kandi harageze ko tubagabisha".

Kubera iki ako karere kafashe iyo ngingo?

Ikinyamakuru New York Times kimenyesha ko ico kiza muri ako karere ka Rockland kirwiriye cane mu gice ciganziwe n'abayahudi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Othodox.

Bivugwa ko coba caje kiva mu bundi burere bwiganziwe n'abagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Othodox mu micungararo ya New York ico kiza camaze gushikamwo.

Bwana Day avuga ko abajejwe amagara y'abantu bahuye "n'ingorane z'abantu bamwe batumva uwo mugambi" akavuga ko ari ibintu " bidashobora kwihanganirwa".

Avuga ati: "Baramenyeshejwe ko 'Tudaharira nabo kuri kiki kibazo kandi ko ata gusubira inyuma', mu gihe twagendeye amazu arimwo abafashwe n'iyo ndwara ku mvo z'amatohoza".

Abategetsi bavuga ko iryo tegeko ribuza abana batacandazwe kuja mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nk'amashure, ubuguriro, amazu y'uburiro n'ibibanza vy'ugusengeramwo, rishobora kumara iminsi 30.

Mbega ahandi ivy'incanco vyifashe gute?

Agasama ni indwara yandukira cane kandi ishobora gutuma uwayirwaye ashobora kugira ibibazo bikomeye vy'amagara, harimwo amahaha n'ubwonko bishobora kwononekara.

Ariko n'ubwo biri uko, ibitigiri vy'abicandagisha bibandanya bigabanuka

Mu gihugu c'Ubwongereza, leta iriko yiga itegeko ritegeka amakompanyi y'imbuga hwaniro gukura ku rubuga amakuru y'ibinyoma ku vyerekeye incanco.

Mu mwaka wa 2018, abantu bashika 82500 barafashwe n'iyo ndwara, igitigiri ca mbere kinini mu myaka icumi, gisumba incuro zitatu abayirwaye mu mwaka wa 2017.

Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu, OMS, ryatangaje ko uwo mugambi w'ukurwanya incanco kiri mu bibazo nyamukuru bihanze amagara y'abantu muri uno mwaka wa 2019.