Umugore wo muri Bangladesh afise ibitereko bibiri yibarutse amahasa inyuma y’ukwezi avyaye

Umupfasoni Sultana ntiyari azi ko yibungenze abandi bana b'amahasa Uwufise ububasha kw’isanamu iStock
Image caption Umupfasoni Sultana ntiyari azi ko yibungenze abandi bana b'amahasa

Umugore w'umunyabangladesh yibarutse amahasa inyuma hafi y'ukwezi kumwe avyaye umwana w'umuhungu hatari bwagere, nk'uko bivugwa n'umuganga yamukurikiranye.

Arifa Sultana w'imyaka 20 y'amavuko, yaheruka kwibaruka mu mpera y'ukwezi kwa kabiri guheze.

Uyo mupfasoni asanzwe aba ruguru mu mitumba yari yibarutse umwana wa mbere ku bitaro vy'ishure y'ubuganga vyitwa Khulna Medical College Hospital mu karere ka Khulna muri ico gihugu ca Bangladesh.

Muganga Sheila Poddar, asanzwe ari umuhinga mu bijanye n'ivy'irondoka ry'abakenyezi akaba ari nawe yamukoze, yabwiye BBC ko inyuma y'iminsi 26, uyo mupfasoni yumvise aribwa mu nda, ari naho yaciye anyarukanwa ku bitaro vyitwa Ad-din Hospital, mu karere ka Jessore ku wa 21 z'uku kwezi kwa gatatu.

Abaganga bamupimye basanze yari agikuriwe, yibungenze amahasa mu gitereko kigira kabiri, ari naho baciye bamukora vyihuta.

'Twagize ubwoba bwinshi cane'

Yavuze ati: "Aho uyo mupfasoni yashika twaciye tumupima dukoresheje vya vyuma bipima mu nda, duca dusanga afise amahasa mu gitereko".

"Twaratangaye kandi tugira ubwoba bwinshi cane. Sinari bwigere mbona ibintu nk'ibi".

Avuga ati: "Nti yari azi ko yibungenze abandi bana babiri. Twaramukoze hanyuma yibaruka amahasa, umuhungu n'umukobwa".

Muganga Poddar avuga ko umupfasoni Sultana n'umugabo wiwe "bakenye cane" kandi ko "atigeze apimwa mu nda na rimwe" imbere y'uko yibaruka umwana wa mbere.

Uyo mupfasoni n'ayo mahasa barekuwe ku wa 25 z'uku kwezi kwa gatatu inyuma y'iminsi ine bari mu bitaro.

Yavuze ati: "Ayo mahasa na nyina wabo bose barakomeye. Ndanezerewe cane kubona vyose vyagenze neza".

Umupfasoni Sultana yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko aryohewe ari kumwe n'abana biwe, akavuga gusa ko afise impungenge z'ingene azobarera kubera ubukene.

AFP ivuga ko umucance wiwe asanzwe akora udukorwa tubayabaye akaronka amadolari ari munsi ya 95 ku kwezi, ariko ko "azogerageza uko ashoboye".

Avuga ati: "Ni igitangaro c'Imana kubona abana banje bose bameze neza. Nzogerageza uko nshoboye kwose kugira ngo ndabanezereze".

Ibindi bisa n’ibi