Abagabo bane harimwo n’abanyamahanga bafatanywe ikiyovyabwenge ca heroyine mu Burundi

Abagabo bane nibo berekanywe n'igipolisi c'Uburundi, kibashinja kudandaza heroyine
Image caption Abagabo bane nibo berekanywe n'igipolisi c'Uburundi, kibashinja kudandaza heroyine

Igipolisi c'Uburundi cerekanye abagabo bane harimwo n'abanyamahanga bagirizwa gufatanwa ibiro bitatu vy'ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa heroyine ku kibuga c'indege ca Bujumbura itariki 20 z'ukwezi kwa gatatu mu 2019.

Abo bagabo bane bagizwe ni umunye Brezil Gilberto Fabio yafatanywe iyo heroyine ku kibuga c'indege ca Bujumbura, abadandaza babiri b'abarundi bari bafise igikorwa co kumwakira Nahimana Juma na Ndayisenga Radjabu.

Hafashwe kandi n'umunye Lethoniya Maris Akmes yafashwe inyuma y'umusi umwe ku kibuga c'indege ca Bujumbura aje ava mu Bugiriki.

Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi Pierre Nkurikiye avuga ko yari yahawe akazi ko kuza kwakira uwo muzigo.

Avuga kandi ko iyo cocaine yapima ibiro bitatu.

Pierre Nkurikiye agira ati: "Ibiro bitatu vya heroyine biciye amahera 360.000 y'amafaranga y'abanyaburaya ni vyo vyafashwe itariki 20 z'ukwezi kwa gatatu harya ku kibuga c'indege ca Bujumbura."

Image caption Udusaho turimwo ikiyovyabwenge ca heroyine twafashwe

Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi abandanya avuga ko iyo heroyine yari inyegejwe cane mu gikarato Gilberto Fabio yavuga ko kirimwo akaganuke azaniye umugenzi w'umurundi, mu gihe wewe yiyita ingenzi.

"Iyo heroyine yari inyegejwe cane mu gikarato kirimwo igikoresho co gusumura inzu, uwo munye Brezil yavuga ako ari akaganuke yari azaniye umugenzi w'umurundi.

"Bagiye baratabura ico gikarato bakaza barashiramwo kamwe kamwe muri utwo dupaki bagaca bahoma."

Pierre Nkurikiye yavuze ko ashima igikorwa cakozwe n'ipolisi mpuzamakungu ca Interpol gifise icicaro i Lyon mu Bufaransa ngo kuko cafashije mu gutanga inkuru zatumye abo bagizi ba nabi bafatwa.

Bose uko ari bane bakaba bagiye gushikirizwa ubutungane bw'Uburundi.