Umudereva yahanywe inyuma y’uguseha amatafari akoresheje rusehabaniha

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu yarashimiye umuntu yerekanye amasanamu y'uwo mu dereva
Image caption Umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu yarashimiye umuntu yerekanye amasanamu y'uwo mu dereva

Ikinyamakuru ca leta muri Uganda, New Vision, kimenyesha ko umushoferi yakoresheje rusehabaniha (ambulance), imodoka yunguruza abarwaye, mu guseha amatafari muri ico gihugu yahagaritswe vy'agateganyo ku caha co gukoresha imodokari ya leta mu bitajanye n'amategeko.

Ico kinyamakuru kimenyesha ko uyo mushoferi, Goddy Otto, azoronswa igice c'umushahara yahora ahembwa, kandi ko atemerewe kuva mu gihugu mu gihe cose azomara ari mu gihano.

Icegera c'umukuru w'inama nshingamateka, yamenyesheje ko ico caha cabaye ku wa 21 z'uku kwezi kwa gatatu.

Amasanamu yerekana iyo rusehabaniha ipakiye amatafari yakwiragijwe ku rubuga rwa Twitter, ivyatumye abatari bake berekana agashavu kabo :

Emmanuel Muwonge yanditse ati:

"Ivyabaye muri Uganda, ni uko iyi rusehabaniha mu karere ka Omoro ikoreshwa mu guseha amatafari, mu gihe abarwayi be n'abavyeyi bibungeze batwarwa ku makinga n'inkorofani".

Nawe Nuwagaba Julius yanditse ati:

"Umuntu yakoze ivyo akwiye guhanwa, kwoba ari ugusasira indava ikibi… mu gihe turiko twita ku rutare kugira ngo twiteho amagara y'abantu kw'isi, ntidushobora gukorana n'abantu nk'abo batagira ubuntu. Iyumvire umuntu atwara amatafari na rusehabaniha"!

Imbere y'aho, umunyamakuru yari yanditse ku rubuga rwiwe rwa twitter ko uyo mudereva yari yanditse asaba imbabazi.

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu yarashimiye umuntu yerekanye amasanamu y'uwo mu dereva.

Ibindi bisa n’ibi