Juan Guaidó muri Venezuela yabujijwe gusubira mu mabanga y'igihugu mu kiringo c'imyaka 15

Juan Guaidó (iburyo) mu myiyerekano ari kumwe na Roberto Marrero, hari mu ntango za kuno kwezi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Juan Guaidó (iburyo) mu myiyerekano ari kumwe na Roberto Marrero, hari mu ntango za kuno kwezi

Uwujejwe kugenzura ikoreshwa ry'amafaranga mu gihugu ca Venezuela yamenyesheje ko umukuru w'abatavuga rumwe na leta muri ico gihugu, Juan Guaidó, atemerewe gusubira kurangura amabanga ya leta mu kiringo c'imyaka 15, igihano kinini kirekuwe n'amategeko.

Elvis Amoroso, uwujejwe kugenzura ikoreshwa ry'amafaranga muri Venezuela, yavuze ko ivyo Bwana Guaidó yamenyesheje ku vyerekeye amahera yiwe birimwo amahinyu.

Umumenyeshamakuru wa BBC, Will Grant, ari ku mugwa mukuru wa Venezuela, Caracas, avuga ko iyo ngingo ishobora kuja mu ngiro mu gihe Bwana Guaidó yorondera gusubira kwitoreza ikindi kiringo mu nama nshingamateka, mu gihe ikiringo ciwe kizoba kirangiye.

Bwana Guaidó yariyamirije iyo ngingo ya Bwana Amoroso, akavuga ko "atari umugenduzi mukuru (auditeur général)".

Avuga ati : " Inama nshingamateka yemewe n'amategeko niyo yonyene ifise uburenganzira bwo kugena umugenduzi mukuru".

Mu ndwi irangiye, Roberto Marrero arongoye ibiro bikuru vya Bwana Guaidó yarahagaritswe yagirizwa gutegura "ibikorwa vy'ubugarariji" ku bategetsi b'igihugu.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu wa Venezuela, Nestor Reverol, yamenyesheje ko inzego zijejwe igendereza zatoye "ibirwanisho n'amafaranga y'agaciro yo hanze" mu gihe basaka inzu yiwe.

Bwana Guaidó yatangaje ko inzego z'umutekano zakoze igikorwa "kitemewe n'amategeko", yongerako ko ivyo bintu bavuga batoye mu nzu ya Bwana Marrero ari ivyo bahashize.

Ihagarikwa rya bwana Marrero ryariyamirijwe n'amakungu

Ihagarikwa rya bwana Marrero ryariyamirijwe n'amakungu, mu gihe Amerika, ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya hamwe n'ibihugu vyo mu karere ka Amerika y'Ubulatini bibandanya bisaba ko arekurwa vuba.

Sigal Mandelker, ajejwe ibiraba ibihano muri Amerika, yamenyesheje ku munsi wa gatanu ko Amerika ifise intumbero "y'ugutera itera igitsure gusumba" leta ya Venezuela.

Eka na Federica Mogherini, ajejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, yariyamirije iyo ngingo yafatiwe Bwana Guaidó.

Yavuze ati: Ingingo nk'iyo ya politike itajanye n'amategeko ni ikindi kintu cerekana ko ubutungane bw'ico gihugu bukoresha agahotoro".

Bwana Guaidó arongoye inama nshingamateka igizwe ahanini n'abatavuga rumwe na leta, yaritangaje ko ariwe mukuru w'igihugu mfatakibanza mu kwezi kwa mbere kw'uyu mwaka, aca ashigikirwa n'ibihugu birenga 50, harimwo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yishimikije ko ashigikiwe n'ubutegetsi bwa Prezida Donald Trump wa Amerika, Bwana Guaidó abandanya atera akamo Prezida Nicolas Maduro ko yotanga imihoho.

Asaba kandi inzego z'umutekano zibandanya zishigikiye ubutegetsi bwa Prezida Maduro ko zokwisubirako zikamuva inyuma.

Prezida Maduro wewe asanzwe ashigikiwe n'ibihugu vy'Ubushinwa n'Uburusiya, yagiriza abatavuga rumwe na leta ko bari mu mugambi wa Amerika w'ugusenyura ubutegetsi bwa Venezuela.

Ibindi bisa n’ibi