Uyu mugore ntiyumva ububabare

Jo Cameron Uwufise ububasha kw’isanamu Peter Jolly/REX/Shutterstock

Jo Cameron yamenye ko yariko arasha ku mubiri igihe yumva umunuko w'inyama ziriko zirazigira. Kenshi araturirwa n'iziko ku maboko, ariko ntiyumve ububabare ngo ashobore kwikingira.

Ivyo ni kubera yuko ari umwe mu bantu babiri gusa bazwi kw'isi bafise indemano idasanzwe yabateye ayo mahinduka mu mubiri.

Bisigura yuko asa nk'uwutumva ububabare na bukeyi, kandi ntaja afatwa n'akabonge canke ngo atinye.

Ivyo yaje kubimenya afise imyaka 65, aho yabona yuko adasanzwe - igihe abaganga batangara babonye adakeneye imiti igabanya ububabare nyuma y'ukubagwa gukomeye.

Igihe yabagwa ku kuboko, abaganga baramugabishije yuko aza kwumva ububabare mu nyuma.

Uwufise ububasha kw’isanamu Jo Cameron
Image caption Jo Cameron (left) was 65 when she realised she was different

Abonye ata bubabare na bumwe yumvise, uwari ajejwe kumutera umuti usinziriza - Dr Devjit Srivastava - yaciye amurungika ku bahinga ba kamere y'ikiremwamuntu kuri Kaminuza ya University College London (UCL) hamwe na Oxford University.

Nyuma y'ibipimo, basanze afise amahinduka muri kamere atuma atumva ububabare nk'abandi bantu.

Ntafise gusa "amagara meza vy'ikirenga"

Jo, aba ahitwa Whitebridge, hafi ya Inverness, yabariye urubuga internet rwa BBC Scotland ko abanganga batavyemeye aho yababwira ko atazokenera imiti igabanya ububabare nibaheza kumubaga.

Yagize ati: "Twarahaririye imbere y'icumba babagiramwo aho nababwira ko ntaza gukenera imiti y'ububabare.

"Umuganga amaze kumenya ko ata miti nk'iyo nafashe, yaciye araba muri kahise k'ukuvurwa kwanje aca asanga ntarigeze nsaba iyo miti."

Ico gihe niho baca bamurungika ku bahinga bo mu Bwongereza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Jo Cameron
Image caption Jo, yifotoje n'umugabo wiwe hamwe na nyina, ntiyari azi ko atameze nk'abandi

Bamaze kumupima, Jo yasanze atari amagara meza cane afise gusa nk'uko yavyibaza.

Avuga ati: "Ndavye muri kahise, nasanze ntarigeze nkenera imiti igabanya ububabare, ariko iyo utayikenera ntiwibuka kubaza igituma.

"Uri ico uri co, gushika hagize uwugira ico abivugako, nta kibazo na kimwe ubaza. Nari umuntu w'umushaha unezerewe ntibaza na rimwe ko hari aho noba ntaniye n'abandi."

Ntiyanigeze yumva ububabare ariko aribaruka, akibuka ati: "Vyari ibinti bidasanzwe, ariko sinigeze mbabara. Ahubo vyari bihimbaye."

Jo avuga ko ata kintu yumva yohindura, ariko yibaza ko ububabare ari ikintu ca ngombwa: "Hari impamvu ububabare bubaho, burakugabisha - wumva hari inzogera zikugabisha."

Abaganga bibaza yuko ashobora kuba anakira n'ingoga kurusha uko bisanzwe. Uru ruvangatirane rudasanzwe rw'ibiremye umuntu, rutuma aza aribagira kandi ntahangayika.

Avuga ati: "Vyitwa indemano y'umunezero canke yo kwibagira. Narateye kenshi abantu agashavu ku kuntu naguma nezerewe ubuzima bwanje bwose - ubu rero ndafise impamvu."

Mbe none uku kuntu Jo aremye ryoba ari ibanga ryo gushobora gufasha abandi?

Jo aheruka kuvuga ko "yisetse gatoyi" ari mu modoka, ariko ntiyigeze akomwa n'ivyo benshi bari kubona nk'ikintu gikomeye kandi kibabaje.

"Nta musemburo wa adrenaline uhwahwura umuntu mfise. Umuntu yari akwiye kugira ico kintu kimugabisha, bijanye no kuba umuntu, ariko sinoshaka kubihindura."

Umushoferi yari muyindi modoka, nk'uko abivuga, ngo "yarajugumiye cane", ngo ariko we yari yitonze. "Sinja niyumva nk'uko... si ukurinda, ubwoba ahubwo ntibuza."

Abashakashatsi bavuga ko hashobora kuba hariho abandi bantu nka jo.

Muganga Srivastava avuga ati: "Umwe ku barwayi babiri baheruka kubagwa muri iki gihe barumva ububabare busanzwe canke bwinshi, naho tumaze gutera imbere mu bijanye n'imiti igabanya ububabare. Turacasigaje kumenya niba hari iyindi miti yozokorwa hifashishijwe ivyo twashitseko."

"Ivyashitsweko vyerekana hashobora kuzotorwa umuti uvura ububabare ushobora kuzofasha abababara nyuma yo kubagwa ukanatuma ibikomere bikira vuba.

"Turizera yuko ivyo vyofasha abarwayi imiriyoni 330 babagwa kw'isi yose buri mwaka."