Abajejwe intwaro mu Burundi bahagaritse burundu BBC na VOA gusamirana mu Burundi

Ibiro vya BBC i London mu Bwongereza
Image caption Ibiganiro vya BBC vyari bimaze umwaka bihagaritswe mu Burundi

Abajejwe intwaro mu gihugu c'u Burundi bahagaritse burundu gusamirana muri ico gihugu ibitangazamakuru mpuzamakungu, BBC hamwe na VOA.

Urweko rujejwe itangazamakuru mu Burundi, Conseil National de la Communication (CNC), nirwo rwatangaje iyo ngingo kuri uno wa gatanu.

CNC yavuze ko kizira ko hagira umunyamakuru n'umwe ari ku butaka bw'u Burundi, yaba Umurundi canke umunyamahanga, atanga amakuru wenyene canke biciye ahandi, yotangazwa n'ivyo bitangazamakuru.

Urwo rwego kandi ruvuga ko ikiganiro ca BBC casamiranye mu mwaka uheze cerekeye ubwicanyi bwagirizwa abajejwe umutekano bwabereye mu nzu iri ku murwa mukuru Bujumbura, vyari ibinyoma.

CNC kandi ivuga ko ico kiganiro cahonyanze amategeko agenga itangazamakuru.

Ibiganiro vya BBC vyari bimaze umwaka bihagaritswe mu Burundi.