Juan Guaidó arwanya ubutegetsi bwa Venezuela arindiriye ko igisirikare kimushigikira

Bwana Guaidó avuga ko ibice vyababa 90 kw'ijana vy'Abanyavenezuela bimushigikiye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Guaidó avuga ko ibice vyababa 90 kw'ijana vy'Abanyavenezuela bimushigikiye

Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bw'igihugu ca Venezuela, Juan Guaidó, aremera ko ubutegetsi bushobora guhinduka mu gihe gusa igisirikare comushigikira.

Abategetsi ba gisirikare gushika ubu baracashigikiye Prezida Nicolás Maduro.

Mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka wa 2019, Bwana Guaidó yaritangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza, aho yaciye ashigikirwa n'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Avuga ko ashigikiwe n'abanyavenezuela "hafi ibice 90 kw'ijana".

Ejo ku wa Mungu, abategetsi ba Venezuela bamenyesheje ko bashobora kugabanya amasaha yo gukora ku munsi bakugara n'amashure kubera ikena ry'umuyagankuba.

Umushikiranganji w'uguhanahana amakuru w'ico gihugu, Jorge Rodriguez, yamenyesheje kuri televiziyo y'ico gihugu ko abakozi bashobora gukora gushika isaha umunani "kugira ngo umuyagankuba ushobore gusaranganywa bikwiye".

Bwana Guaidó yabwiye BBC ko icikagurika ry'umuyagankuba n'ikena ry'amazi - ivyatumye ibikorwa bicumbagira mu mavuriro, mu kwunguruza abantu, no mu bindi bisata - vyatumye abanyagihugu bashavurira leta ya Bwana Maduro.

Avuga ati: "Hari imyiyerekano mu burere burenga 20 bw'umugwa mukuru Caracas, no mu zindi ntara za Venezuela.

"Abanyagihugu basaba ko basubira kuronswa umuyagankuba n'amazi, ariko kandi ko uwivye ubutegetsi, Nicolás Maduro, aburekura, ubwo bukaba aribwo butumwa nyamukuru".

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abanyagihugu ba Venezuela bari mu ngorane z'ikena ry'umuyagankuba n'amazi

Leta ivuga ko iryo kena ry'umuyagankuba n'amazi ari ingaruka z'imigumuko yateguwe mu ntumbero yo kwirukana Bwana Maduro ku butegetsi.

Ariko, Bwana Guaidó avuga ko Prezida Maduro adashobora kuva ku butegetsi kiretse mu gihe igisirikare ca Venezuela comukurako amaboko.

"Birakenewe ko igisirikare kidushigikira kugira ngo ibintu bihinduke mu mahoro muri Venezuela mu bice vyose, harimwo no gukingira abari mu myiyerekano kugira ngo ntibaterwe n'imirwi yitwaje ibirwanisho ishigikiwe na leta".

Bwana Guaidó aherutse kubuzwa gusubira kurangura amabanga ya leta mu kiringo c'imyaka 15.

Yaramiriye kure ibiherutse kuvugwa ko abasirikare b'Abarusiya baherutse gushika muri Venezuela, akabifata nk'"agasotoro" ka Bwana Maduro kugira ngo "agerageze kwerekana ko hari abamushigikiye kandi mu vy'ukuri atabariho".

Avuga ati: "Abarusiya nta ngingo iboneka barafata. Ntibarerekana vy'ukuri ko bamushigikiye, kiretse kumbure amatangazo amwe amwe".

Ku munsi wa gatandatu, ishirahamwe Croix Rouge (IFRC) ryaramenyesheje ko rigiye gutangura gutanga imfashanyo mu ndwi zibiri ziza, aho umukuru waryo Francesco Rocca avuga ko rishobora guhera ku bantu bashika ibihumbi 650 bakeneye imfungurwa n'imiti.

Mu kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka, leta yarabujije imfashanyo zari zitanzwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko zinjira muri Venezuela, aho leta yavuga ko ari amayeri ya Amerika yo gutera ico gihugu.

Ibindi bisa n’ibi