Umunsi wo kubesha uza buri tariki 1 z'ukwa kane, wavuye hehe?

Itariki 1 z'ukwa kane

Ku tariki ya mbere z'ukwa kane, benshi muri mwebwe mushobora kuba mutegura utuntu tw'ubwenge muza gukina ku bangenzi canke imiryango.

Ivyo ni kubera yuko ari umunsi wo kubesha, uzwi mu congereza nka April Fools Day (poisson d'Avril mu gifaransa), aho twese usanga turi mu dukino nk'utwo.

Andrea Livesey, umuhinga muri kahise wo kuri Kaminuza ya Bristol mu Bwongereza agira ati: "Uyu munsi wahimbajwe mu Bwongereza kuva mu kinjana ca 19, aho wasanga kenshi abana ari bo bafatirwa mu tuntu two kubabesha."

Twashatse rero kumenya ibindi kuri uyu munsi wo kubesha.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mbe ni inyoni, ni indege...? Oya ni Superman yamaditswe ku ruhome

Andrea yatubwiye ko atari bose bumvikana ku havuye iyi sabukuru.

Agira ati: "Ku buryo butangaje nta vyinshi bizwi ku havuye uyu munsi wo kubesha kandi hari insiguro nyinshi zitandukanye cane - kandi zihimbaye - zisigura aho uwo munsi wazananye."

Reka turabe zimwe muri izo nsiguro.

Insiguro 1 - Ivyivugo

Uwufise ububasha kw’isanamu iStock/Getty
Image caption Umunsi wo kubesha woba ufitaniye isano n'ivyivugo?

"Hari abavuga ko inkuru yavuzwe n'umuhinga mu vyivugo w'Umwongereza, Geoffrey Chaucer mu kinjana ca 14 - aho imbwebwe ihenda isake (igahakwa no kuyirya kubera ico kinyoma) - ari co kintu cabanjirije kubeshanya kuba itariki ya mbere z'ukwa kane."

Uwo muhinga mu vyivugo ariko ntatomora ko ari itariki 1 z'ukwa kane. Muri ico civugo, avuga iminsi 32 "kuva ukwa gatatu gutanguye", abantu baca bavuga ko ubiharuye uca ugwa kw'itariki 1 z'ukwa kane.

Ariko abatemera ivyo bavuga ko uwo muhinga yariko akoresha amajambo adatomoye kugira ateshe umutwe abantu.

Insiguro ya 2 - Ikirangaminsi

Hari abavuga ko uwo munsi watanguye bivuye ku bintu biri mu kirangaminsi (calendrier).

Ibintu vyitwa renewal festivals canke amasabukuru yo kwisubiza ibutoto vyatanguye kera ku gihe c'Abaromani. Yari iminsi mikuru yaba mu ntango z'umwaka, aho ibintu vyakomera mu buryo bw'ibirori.

Uwufise ububasha kw’isanamu istock/Getty Images
Image caption Mbe itariki 1 z'ukwa kane niyo ibereye mu guhimbaza umunsi wo kubesha?

Andrea avuga ati: "Abakozi bo muhira barashobora kwigarurira abakoresha canke abana bakigarurira abavyeyi."

Ukwezi kwa gatatu nikwo kwezi gutanguza ibihe vy'ikirere ciza, rero abantu bakibaza yuko umugenzo wo kubesha mu kwinezereza ari ho wavuye, kuko intango y'igihe c'izuba i Buraya hamwe n'iterwa ry'amashurwe vyafatwa nk'intango y'umwaka.

Hari iyindi nsiguro ifatiye ku kirangaminsi yereyeke igihe abantu batanguriye guhimbaza umwaka mushasha mu ntango z'ukwezi kwa mbere, hako vyobaye impera z'ukwezi kwa gatatu.

Ababandanya kuwuhimbaza mu mpera z'ukwe kwa gatatu, hako bowuhimbaje itariki 1 z'ukwa mbere nk'uko biba muri iki gihe, bafatwa nk'abataye umutwe bagaca babakinako udukino two kubabesha.

Insiguro ya 3 - Uburovyi ku mugabane wa Buraya

Uwufise ububasha kw’isanamu istock/Getty Images
Image caption Mu bice bimwe vya Buraya, agakino k'itariki yo kubesha kagirwa mu kumadika ifi ku mugongo w'umuntu

Andrea arasigura ati: "Ibimenyetso bifadika vya kera bishoboka dufise ku bijanye n'itariki 1 z'ukwa kane ni ivyo mu Bufaransa n'Ubuhorandi mu myaka y'1500 kandi, kubera iyi mvo, abantu bibaza ko ugomba kuba wari umugenzo wo mu Buraruko bw'Uburaya wakwirakwijwe mu Bwongereza."

Mu bisanzwe mu turere twa Buraya uwo munsi uzwi nka April Fish Day, canke umunsi w'ifi wo mu kwezi kwa kane.

Abantu bibaza yuko impamvu ari uko muri ico gihe c'umwaka haba hari amafi menshi mu nzuzi z'Ubufaransa, kandi zikaba zoroshe gufata - ziba ari ifi z'ibijuju!

Vyaciye rero bicika umugenzo wo gukina abantu udukino tubacanganya ku tariki 1 z'ukwa kane.

Uwufise ububasha kw’isanamu NYMR/Gough Bailey Wright
Image caption Mu mwaka uheze ikompanyi y'itereni yo mu Bwongereza yitwa North Yorkshire Moors Railways yavuze ko yakoze ikiduga ca gari ya moshi kigenewe imbwa gusa, ariko kwari ugufyina.

Rero biragaragara ko tutazi neza na neza aho umunsi wo kubesha, canke April Fools Day, wazananye.

Ariko hari ikintu kimwe kizwi neza - abantu bamaze imyaka n'imyaniko bagiranako udukino two guhendana ku tariki 1 z'ukwa kane.

Rero uragaba uno munsi ntuhave ugwa mu mutego!

Ibindi bisa n’ibi