Ikiza ca korera catanguye kwiha inkumbi muri Mozambike

Korera iva kw'isuku rike ikaba yandukira cane, kandi ishobora kwica uwuyirwaye mu mwanya muto Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Korera iva kw'isuku rike ikaba yandukira cane, kandi ishobora kwica uwuyirwaye mu mwanya muto

Abajejwe amagara y'abantu mu gihugu ca Mozambike batangaje ko hari umuntu wa mbere yahitanywe n'ikiza ca korera mu gisagara ba Beira, inyuma y'aho igihuhusi Idai gisinzikarije ico gisagara mu ntango z'ukwezi kwa gatatu guheze.

Abo bategetsi bongeyeko ko igitigiri c'abafashwe n'ico kiza ciyongereye gushika ku bantu 500 mu masaha 24 aheze.

Ico gihuhusi Idai carateye igisagara ca Beira ku wa 14 z'ukwezi kwa gatatu, gituma haba imyuzurira, congera gihitana abantu barenga 700 mu bihugu vya Mozambique, Zimbabwe na Malawi.

Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, ryamenyesheje ko ryarungitse imiti hafi ibihumbi 900 yo gukingira kolera, bikaba vyitezwe ko ishika muri iyi ndwi.

Abategetsi baragabisha ko ico kiza ca korera gishobora guhitana abantu batari bake.

Ubu inguvu nyinshi mu twigoro two gufasha abahuye n'ico gihuhusi zashizwe ku kurwanya ico kiza.

Iyo ndwara ya korera iva kw'isuku rike ikaba yandukira cane, kandi ishobora kwica uwuyirwaye mu mwanya muto mu gihe ativuje hakiri kare.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bataraye izabo bivuye kuri ico gihuhusi Idai cabomoye amazu mu gihugu ca Mozambike, bakaba bahanzwe n'isuku rike.

Hari abantu bamaze indwi irenga bataronka amazi meza.