Ikiganiro cerekeye iterambere mu rukino rw'umupira mu karere ka Afrika y'Ubuseruko
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Imvo n'Imvano kw' iterambere ry'umupira w'amaguru mu karere ka Afrika y'Ubuseruko

Muri kino kiganiro, abatumire Alain Olivier Niyungeko, umumenyereza w'Intamba mu Rugamba, Abdul Karim Mackenzi akinira intamba mu Rugamba, na Jean-Baptiste Kayiranga yigeze kuba umumenyereza w'umurwi nserukira gihugu w'u Rwanda, baganira ku vyerekeye iterambere mu rukino rw'umupira w'amaguru mu karere ka Afrika y'Ubuseruko. Ni inyuma y'aho ibihugu vy'Uburundi, Tanzaniya, Uganda na Kenya bironkeye uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca nyuma c'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu rya Africa, CAN 2019.