Abarokotse muri ca gihuhusi Idai bafise ubwoba ko 'imfashanyo zibwa'

Igihuhusi cashize abantu ibihumbi n'ibihumbi mu kangaratete Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igihuhusi cashize abantu ibihumbi n'ibihumbi mu kangaratete

Amakenga agenda yiyongera mu gihugu ca Mozambike ko imfungurwa n'izindi mfashanyo zigenewe abarokotse muri ca gihuhusi Idai ziriko "ziranyuruzwa".

Augusta Maita arongoye ikigo c'igihugu kijejwe kugarukira ku bahuye n'amagume, avuga ko bongereje ibikorwa vy'ugucungera kuva aho habereye imyidogo ko izo mfashanyo ziriko "ziranyuruzwa".

Avuga ati: "Dufashe gucungera. Dufashe kuraba. Hanyuma muduhe inkuru nyazo mufitiye ivyemezo ko hariho abariko bariba".

Amenyesha ko bariko bakora uko bashoboye kwose kugira ngo imfashanyo yatanzwe ishikire abo yagenewe.

Yongeyeko ati : "Vyongeye twariyemeje kurangura ico gikorwa mu muco gushika kirangire".

"Ariko nk'uko vyama, muri iki gikorwa hari ibintu usanga birengeye ubushobozi bwacu bishobora gushika".

Avuga kuri ivyo birego, Roque Silva, umunyamabanga mukuru w'umugambwe Frelimo uri ku butegetsi, amenyesha ko abakora amakosa bakwiye guhanwa kugira ngo bibere icigwa abandi ".

Umunyamakuru wa BBC Jose Tembe ari ku mugwa mukuru Maputo, avuga ko hari bamwe mu bajejwe gutanga izo mfashanyo, cane cane imfungurwa, bagirizwa ko bazicisha kuw'epfo canke bakazishira imiryango yabo.

Ivyo biri uko mu gihe ikiza ca korera caturutse kuri ico gihuhusi nyene kimaze guhitana abantu babiri n'abandi barenga 1400 bacanduye nk'uko bishikirizwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.

Vyitezwe ko isekeza ry'ugucandaga ritangura uno munsi ku wa gatatu kugira ngo bashobore guhagarika ico kiza.

Abantu bashika ibihumbi 900 nibo bitezwe kuronswa urwo rucanco.

Amakuru avuga ko abantu bagera hafi ibihumbi 90 mu gihugu ca Mozambike aribo baba mu bigo vyateguwe inyuma y'aho igihuhusi Idai cihaye inkumbi mu bice bimwe bimwe vy'igihugu mu kwezi kwa gatatu guheze, kikaba casambuye ibitari bike.

Ibindi bisa n’ibi