Intambara yo muri Libya yiyamirijwe n’ibihugu vya rutura be na ONU

Imirwi ikorana na leta y'ico gihugu ifise ibirindiro mu gisagara ca Mistrata yarungitswe i Tripoli gufahsa gukingira umugwa mukuru Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imirwi ikorana na leta y'ico gihugu ifise ibirindiro mu gisagara ca Mistrata yarungitswe i Tripoli gufahsa gukingira umugwa mukuru

Ibihugu bihurikiye mu murwi G7 ugizwe n'ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw'isi, hamwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, biriyamiriza intambara yasubiye kwaduka muri ico gihugu.

Ni inyuma y'aho Jenerali Khalifa Haftar arongoye umurwi urwanya ubutegetsi, Libyan National Army (LNA), arungikiye ingabo ziwe gutera umugwa mukuru Tripoli, ku munsi wa kane.

Mw'itangazo wasohoye, uwo murwi G7 urasaba guhagarika ibikorwa vyose vya gisirikare.

Iryo tangazo rivuga riti: "Turiyamirije bikomeye igikorwa ic'ari co cose ca gisirikare mu gihugu ca Libya".

Uwo murwi urashimangira ko ushigikiye utwigoro tw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU tw'ugufasha kugira ngo habe amatora muri ico gihugu, ugatera akamo ibindi bihugu ko "vyofasha kugira ngo amahoro arame muri Libya".

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yari asanzwe ari mu gihugu ca Libya mu twigoro tw'iryo shirahamwe two guhagarika izo ndyane zibandanya muri ico gihugu, yamenyesheje ko ibiganiro na Jenerali Haftar ataco vyavuyemwo.

Jenerali Haftar yavuganye na Bwana Guterres mu gisagara ca Benghazi ku munsi wa gatanu, akaba yoba yamubwiye ko atarota ahagarika intambara gushika ingabo ziwe zomoye abo yise "abakora iterabwoba".

Ku munsi wa gatanu, Inama nkuru ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano kw'isi yarakoranye mu mwiherero, uwuserukira Ubudagi muri ONU, Christoph Heusgen, akaba yamenyesheje ko abagize iyo nama "basavye ingabo z'umurwi LNA guhagarika ibikorwa vyose vya gisirikare".

Avuga ati: "Nta nyishu kw'izo ndyane ishobora kuva mu ntambara".

Imbere y'aho, umuvugizi w'igihugu c'Uburusiya yabwiye abanyamakuru ko ico gihugu kidashigikiye Jenerali Haftar mu migambi yiwe y'ugutera umugwa mukuru Tripoli, anavuga ko Uburusiya bwipfuza umuti "ushingiye ku mwumvikano".

Mu ntango z'uwu mwaka, ingabo z'umurwi LNA zarafashe ubumanuko bw'igihugu ca Libya n'ibice bicukurwamwo igitoro muri co gice.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jenerali Haftar yarungitse ingabo ziwe kuja gutera umugwa mukuru Tripoli

Ku munsi wa kane, zarifatiye igisagara ca Gharyan kiri ku birometero 100 mu bumanuko bw'umugwa mukuru Tripoli.

Hari amakuru avuga ko hari intambara mu micungararo y'ikibuga c'indege kiri ku mugwa mukuru, gisanzwe cugaye kuva mu mwaka wa 2014.

Abanyagihugu baba mu gisagara ca Misrata kiri mu buseruko bw'umugwa mukuru babwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko imirwi ishigikiye leta y'ico gihugu ifise ibirindiro muri ico gisagara yarungitswe i Tripoli mu ntumbero yo gukingira uwo mugwa mukuru.

Ejo ku munsi wa gatanu, abarwanyi bo muri iyo mirwi babwiye Reuters ko hari abarwanyi b'umurwi LNA bafashe bakabagira imbohe.

Ingabo za ONU ziri ku mugwa mukuru Tripoli usanzwe ucumbitsemwo leta ishigikiwe n'amakungu, ziragavye cane.

Kuva mu mwaka wa 2011, igihugu ca Libya kirangwa n'indyane n'amacakubiri, inyuma y'aho Muammar Gaddafi yahora akirongoye akuriwe ku butegetsi akicwa, inyuma y'imyaka itari mike yari amaze atwara ico gihugu.