Imyiyerekano irabandanya muri Sudani n’aho abajejwe umutekano babandanya kuyirwanya

Abari mu myiyerekano i Khartoum itariki 07/04/2019 Uwufise ububasha kw’isanamu ASHRAF SHAZLY
Image caption Abari mu miyerekano basaba ko Prezida Bashir akinjura

Inkoho zikomakomeye zarumvikanye hampande y'ibiro bikuru vy'igisirikare c'igihugu ca Sudani ku mugwa mukuru Khartoum, aho abari mu myiyerekano bamaze amajoro atatu akurikirana bugarije.

Abari mu myiyerekano basaba ko umukuru w'ico gihugu, Omar al-Bashir, atanga imihoho.

Ababirabiye hafi bavuga ko babonye abantu biruka kwinyegeza mu gihe amasasu yatangura kuvuga.

Umwe mu bari mu myiyerekano, Ahmed Mahmoud, yabwiye BBC ko inzego z'umutekano n'iz'igendereza "zakoresheje ivyuka bikoroza amosozi be n'amasasu yica".

"Nta kamaro ko Omar Bashir abandanya akoresha imihimbiri yiwe ngo idukure mw'ibarabara kuko ntaho tuja".

Yongeyeko y'uko abasirikare bakingiye abari mu myiyerekano mu gihe bari muri ico kigo.

Imbere y'aho, abajejwe umutekano bakoresha vya vyuka bikoroza amosozi mu kugerageza guhagarika iyo myiyerekano.

Bivugwa ko abasirikare bashika babiri boba baritavye Imana kuva iyo myiyerekano itanguye ku biro bikuru vya gisirikare ku wa gatandatu w'indwi iheze.

Imbere y'aho, hari amakuru yavuga ko inzego z'igendereza zagumye zigerageza gusanzaza abari mu myiyerekano, abasikirake nabo bakaja hagati mu buryo bwo kubakingira.

Ukutumvikana hagati y'inzego z'umutekano?

Ejo ku munsi wa mbere, hari ireresi yerekana abasirikare bariko bararasa bitaboneka neza abo bariko barasa, mu gihe abasivire bagenda binyegeza inyuma y'abo.

Abari mu myiyerekano bavuga ko abo basirikare bariko basubiza abari mu nzego z'igendereza bari barashe, mu gihe hari abandi nabo bavuga ko abasirikare barasa hejuru kugira ngo birukane ingabo z'urwego rw'igendereza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu ibihumbi n'ibihumbi baragiye muri iyo myiyerekano kuva kuwa gatandatu

Mu gihe ayo makuru yerekana ko hoba hari ukutumvikana hagati y'izo nzego zibiri, umushikiranganji w'ukumenyesha amakuru arabihakana.

Yavuze ati: "Inzego z'umutekano ziri hamwe kandi zikorera hamwe".

Amakungu abandanya atera akamo leta ko yokwirinda gukoresha inguvu kubasivire.

Ku ruhande rwiwe, Prezida Bashir yasavye ko haba ibiganiro kugira ngo imigumuko ihagarare.

Ejo ku munsi wa mbere, umushikiranganji w'intwaro yo hagati yamenyesheje ko abantu indwi bari mu myiyerekano bishwe, 15 nabo barakomereka, mu gihe abajejwe umutekano 42 bakomeretse.

Yongeyeko y'uko abantu bashika hafi 2500 bahagaritswe.

Insiguro y'iyo myiyerekano

Imyiyerekano y'ukwiyamiriza Bwana Bashir ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 1989 imaze amezi atari make.

Ubwa mbere, abari mu myiyerekano biyamiriza ubuzima buzimvye, ariko ubu bakaba basaba ko umukuru w'igihugu yotanga imihoho.

Mu mpera zindwi iheze, abantu isinzi barakoraniye imbere y'ibiro bikuru vya gisirikare, imbere y'ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi be n'imbere y'ibiro vy'umukuru w'igihugu, ku mugwa mukuru Khartoum.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Omar al-Bashir arongoye igihugu ca Sudani kuva mu mwaka wa 1989

Abari mu myiyerekano bashaka ko igisirikare giheba gushigikira leta.

Abaserukira abari mu myiyerekano bavuga ko bariko barondera ko hoba ibiganiro n'igisirikare ku kungene hoshingwa leta mfatakibanza.

Omar el-Digeir, umwe mu barongoye iyo myiyerekano, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko barondera inzira "y'impinduka ata maraso asesetse".

Ijoro ryo ku munsi w'ejo kuwa mbere ryagira gatatu abari mu myiyerekano bugarije, n'aho abajejwe umutekano bagerageje kubasanzaza.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aranegura leta ko ikoresha inguvu zirenze mu kugerageza guhagarika iyo migumuko.

Ibindi bisa n’ibi