Amnesty yemeza ko urugero rw'igihano co gupfa rwagabanutse

Ikibanza gitererwamwo urushinge rwica mw' ibohero rya San Quentin State, California, 13 /03/2019 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Urushinge rwica, ni kimwe mu bikoreshwa hirya no hino kw'isi mu gutanga igihano co gupfa

Ibiharuro vy'abantu bahanishijwe urupfu hirya no hino kw'isi vyagabanutseko ica gatatu mu mwaka uheze wa 2018, urwo rugero rukaba rutari bwashikirwe mu myaka irenga icumi nk'uko bishikirizwa na 'Amnesty International'.

Abagera ku 690 nibo bicishijwe igihano co gupfa mu bihugu bigera ku 20 mu mwaka uheze, havuyemwo Ubushinwa, bigaragara ko ivyo biharuro vyagabanutse ko ibice 31% ugerereranije no mu 2017, aho abagera ku 993 ari bo bicishijwe ico gihano.

Amnesty isanga guhanisha urupfu muri Irani kwagabanutseko ibice 50% inyuma y'aho ico gihano gikuriwe mu bitangwa ku vyaha bifatiye ku biyayuramutwe.

Amnesty iravuga kandi ko abaharurwa mu bihumbi bashobora kuba barishwe bahanywe mu Bushinwa, ariko ibiharuro vyaho ni ibanga.

Ibi vyerekena ko Ubushinwa ari co gihugu ca mbere kw'isi gikoresha igihano c'urupfu.

Ibindi bihugu bine bikurikira ni Iran, Arabia Saudite, Vietnam na Irake.

Ubwavyo vyiharije ibice 77% ku bantu 690 bahanywe bishwe.

Icegeranyo ca Amnesty kivuga iki?

Icegeranyo ca Amnesty International kw'ikoreshwa ry'igihano c'urupfu, casohotse kuwa gatatu, cerekana ko mu gihe ibitigiri vy'abicishijwe igihano co gupfa vyagabanutse mu bihugu bimwe bimwe, ahandi ivyo biharuro vyaduze, harimwo Amerika, Ubuyapani, Singapore, Sudani y'epfo na Belarus.

"Iryo gabanuka riboneka kandi rikomeye mu gutanga igihano c'urupfu ryerekana ko n'ibihugu bitibazwa bitanguye guhindura ingendo, bikabona ko igihano c'urupfu atari yo nyishu y'ibibazo", nk'uko bivugwa na Kumi Naidoo, umunyamabanga mukuru wa Amnesty International.

"Iki ni ikimenyetso c'icizere ko hasigaye igihe gito, igihano c'urupfu kikibagirwa, kikaja muri kahise, aho gikwiriye."

Iran, ari nayo ikunda guhanisha urupfu buri mwaka, abaregwa ivyaha bifatiye ku biyayuramutwe, yaragabanije ibihano kuri ico caha mu 2018.

Iyo ningo, yafashwe ndetse yageze no ku bahanywe imbere y'uko itangura gushirwa mu ngiro, yageze kubanyororo baharurwa mu bihumbi bitanu bari barindiriye igihano co gupfa.

Mu mpera z'umwaka ushize, ibihugu bigera ku 106 vyarakuyeho ico gihano co gupfa kuvyaha ivyo ari vyo vyose .

Ibihugu vyateye intambwe mu kugabanya ivyo biharuro hagati y'imyaka ya 2017 na 2018 ni:

  • Irani - igeze kuri 253 yavuye ku 507
  • Irae - igeze ku 52 yavuye ku 125
  • Pakistani - igeze ku 14 yavuye ku 60
  • Somalia - igeze 13 yavuye ku 24

Hari ibihugu vyoba vyarasubijeho igihano co gupfa?

Ego. Mu mwaka uheze Thailand niho yatanguye gushira mu ngiro ibihano vya mbere mu 2009, nk'uko Amnesty yabisanze, naho mu ntango z'uyu mwaka, Sri Lanka yatanguye kurondera abica mu ntumbero yo gushira mu ngiro igikorwa co guhasha abakwirakwiza ibiyovyabwenge.

Igihano co gupfa cemewe n'amategeko muri Sri Lanka, aho abantu baharurwa mu 1,300 bari ku rutonde rw'abarindiriye igihano co gupfa, ariko kugeza ubu nta n'umwe aricwa muri ico gihugu kuva mu 1976.

"Ibi bihugu ubu n'akagwi gato cane", nk'uko bwana Naidoo abivuga, akagira ati : "Ku bihugu vyose bigikoresha igihano co gupfa, ndabahamagarira kurekera aho iryo shano ry'igihano bidatevye."

Ibindi bisa n’ibi