Prezida Nkurunziza yunguruje mu rubanza aregamwo "abamutyoje"
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Prezida Nkurunziza yunguruje mu rubanza aregamwo "abamutyoje"

Prezida Nkurunziza yunguruje mu rubanza aregamwo "abamutyoje", rubera mu gihugu c'Ubufaransa, aho yitwariye abarimwo na television France 3.

Abunganira Perezida w'u Burundi Pierre Nkurunziza mu rubanza aregamo televiziyo yo mu Bufransa, France Trois, umunyamategeko Bernard Maingain, n'umwanditsi David Gakunzi baravuga ko bunguruje ku ngingo iheruka gufatwa na sentare y'i Paris, yo kwemeza ko ata caha gihama abaregwa muri urwo rubanza.

Perezida Nkurunziza avuga ko bamuharabitse mu kiganiro iyo televiziyo yahitishije cerekana ubwicanyi bwariko gukorwa n'abo ico kiganiro cavuze ko bari imbonerakure zari mu rugo rwa Prezida i Karuzi.

Mu nyuma vyaje kumenyekana ko abari muri ivo video batari Abarundi, ahubwo ko bari abo mu gihugu co mu burengero bwa Afrika, ari navyo vyatumye Prezida Nkurunziza aca ashingisha urubanza.

Jacques Niyitegeka yavuganye n'umunyamategeko wunganira Perezida Pierre Nkurunziza muri urwo rubanza, Maitre Arthur Vercken, atangira amubaza impamvu bunguruje, mu kiganiro ushobora kumva aho hejuru.

Ibindi bisa n’ibi