Ishirahamwe ONU rifise impungenge ku ntambara yabaye ndanse muri Libya

Imirwi ihanganye muri Libya iriko irakoresha n'ibirwanisho biremereye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imirwi ihanganye muri Libya iriko irakoresha n'ibirwanisho biremereye

Intumwa y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Libya, Ghassan Salamé, avuga ko afise ubwoba ko intambara ziriko zibera ku mugwa mukuru Tripoli zishobora gukomera.

Bwana Salamé avuga ko ingene ibintu bimeze ubu ata ruhande na rumwe rufise ibintu mu minwe.

Ariko avuga ko impande zompi zihanganye ziriko zegeranya uburyo mu gihe uruhande rumwe rwose rwibaza ko rushobora gutsinda intambara.

Mu minsi mikeya iheze, ingabo za leta n'iza Jenerali Khalifa Haftar zihanganye zaratanguye ibitero vy'indege.

Bwana Salamé yabwiye BBC ko aho afitiye ubwoba cane ari uko ibihugu bikomeye bishobora kwinjira muri iyo ntambara n'ibirwanisho vya rutura.

Jenerali Haftar amaze igihe kitari gito aronka imfashanyo za gisirikare zihabwa n'ibihugu bitari bike vy'abarabu hamwe n'Ubufaransa, mu gihe bivugwa ko leta nayo ifashwa mu vya gisirikare n'ibihugu nka za Turkiya na Qatar.

Izo ndwano zasubiye kwaduka zahagaritse utwigoro tw'ishirahamwe ONU tw'ukurondera inyishu iciye mu biganiro vya politike kuri izo ndyane zasambuye igihugu ca Libya inyuma y'aho Muammar Gaddafi akuriwe ku butegetsi mu mwaka wa 2011.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kw'igenekerezo rya 04 z'uku kwezi ingabo za Jenerali Haftar zitanguye igitero kugira zifate umugwa mukuru Tripoli

Igitigiri c'abasiga ubuzima muri iyo ntambara kibandanya ciyongera.

Bwana Salamé avuga ko gushika ubu intambara zitabera mu bice vy'umugwa mukuru bibamwo abanyagihugu, ariko akavuga ko mu gihe intambara yobandanya umurindi iriko, igitigiri c'abohasiga ubuzima "cokwiyongera biteye ubwoba" muri ico gisagara kibamwo hafi ica gatatu c'abanyagihugu ba Libya.

ONU ivuga ko mu minsi cumi iheze, abantu bashika 130 aribo bishwe, abarenga 600 nabo barakomereka, abandi ibihumbi n'ibihumbi barata izabo.

Izo ntambara zatanguye inyuma y'aho kw'igenekerezo rya 04 z'uku kwezi ingabo za Jenerali Haftar zisanzwe ziganziye ibice bitari bike vya Libya, zitanguriye igitero mu ntumbero y'ugufata umugwa mukuru Tripoli usanzwe uri mu minwe ya leta ishigikiwe n'ishirahamwe ONU.

Ibindi bisa n’ibi