Igisirikare ca Sudani casabwe gusubiza ubutegetsi abasivire mu minsi 15

Igisirikare cakuye ku butegetsi Omar al-Bashir mu ndwi iheze inyuma y'imyaka hafi 30 ari ku butegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igisirikare cakuye ku butegetsi Omar al-Bashir mu ndwi iheze inyuma y'imyaka hafi 30 ari ku butegetsi

Inama nkuru y'umutekano n'amahoro mu muryango w'Ubumwe bw'Ibihugu vya Afrika, AU, yategetse akarwi k'abasirikare kafashe ubutegetsi mu gihugu ca Sudani kuba kasubije ubutegetsi abasivire mu minsi itarenze 15, atari uko Sudani ikurwe muri uwo muryango.

Mw'itangazo ryasohowe inyuma y'umubonano wabereye i Addis Abeba ku mugwa mukuru wa Ethiopia, iyo nama yamenyesheje ko "ubutegetsi mfatakibanza burongowe n'igisirikare bwoba butandukanye cane n'ivyipfuzo vy'abanyagihugu ba Sudani".

Nico gituma yasavye ako karwi k'abasirikare ko "kaja ku ruhande kagasubiza ubutegetsi mfatakibanza abanyepolitike b'abasivire", mu kiringo kitarenze iminsi 15.

Iyo nama yamenyesheje ko mu gihe bitogenda uko, Sudani yoshobora gufatirwa ibihano vy'ukudasubira kugira uruhara mu bikorwa vy'Umuryango w'Ubumwe bw'Ibihugu vya Afrika gushika ako karwi gasubije ubutegetsi nk'uko bitegekanijwe n'ibwirizwashingiro ry'ico gihugu.

Mu ndwi iheze, igisirikare carakuye ku butegetsi Omar al-Bashir inyuma y'imyiyerekano yo kumwiyamiriza yatanguye mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze wa 2018, inyuma y'imyaka hafi 30 ari ku butegetsi.

Ahmed Awad Ibn Ouf yahoze ari umushikiranganji w'ukwivuna abansi, niwe yatangaje ko arongoye inama nkuru ya gisirikare yari yafashe ubutegetsi, mu nyuma aza gutanga imihoho inyuma y'umunsi umwe gusa kubera imyiyerekano yabandanije, aho abayirongoye basaba ko ubutegetsi busubizwa abasivire.

Liyetena Jenerali Abdel Fattah Abdelrahman Burhan niwe yagenywe ngo amusubirire, ariko ntivyahumurije abari mu myiyerekano gushika ubu ibandanya, aho abayirimwo basaba ko ubutegetsi buja mu minwe y'abasivire.

Ibindi bisa n’ibi