Ishirahamwe ONU rivuga ko igitigiri c’abarwaye agasama canke iseru ciyongereye incuro zitatu kw'isi

OMS ivuga ko ibitigiri vy'abicandagisha vyagabanutse Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption OMS ivuga ko ibitigiri vy'abicandagisha vyagabanutse

Ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, rivuga ko igitigiri c'abarwaye indwara y'agasama canke iseru kw'isi mu mezi atatu ya mbere yo mu mwaka wa 2019 ciyongereye incuro zitatu ugereranije n'ic'umwaka uheze mu kiringo nk'iki.

Iryo shami rivuga ko ibiharuro mfatakibanza "bivyerekana neza", mu gihe iyo ndwara iriko yaduka mu mihingo yose y'isi.

Umugabane wa Afrika ukaba ariwo ubangamiwe gusumba - aho ibiharuro vyaduze gushika ku bice 700 kw'ijana (700%).

Iryo shami rya ONU rivuga ko ibiharuro vy'ubu bishobora kuba birengeye cane ibizwi, kuko umurwayi umwe kw'icumi ari bo bamenyekana kw'isi.

Agasama (canke iseru mi Kinyarwanda) ni indwara yandukira cane kandi ishobora gutuma uwayirwaye ashobora kugira ibibazo bikomeye vy'amagara, harimwo amahaha n'ubwonko bishobora kwononekara.

Ibihugu vya Ukraine, Madagascar n'Ubuhindi nivyo bihugu vyasinzikajwe cane, aho abantu babarirwa mu bihumbi mirongo bafashwe n'iyo ndwara.

Abantu n'imiburiburi 800 mu gihugu ca Madagascar baramaze guhitanwa n'iyo ndwara kuva mu kwezi kw'icenda kw'umwaka uheze wa 2018.

Ico kiza kandi carateye mu bihugu vya Brezili, Pakistani na Yemen, "aho cahitanye ubuzima bw'abatari bake - ahanini bagizwe n'abana".

Eka ibitigiri vy'abafatwa n'iyo ndwara vyariyongereye no mu bihugu bisanzwe bitanga urucanco ku rugero runini, harimwo Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Thailand.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko "iyo ndwara ishobora kwirindwa" hakoreshejwe incanco nyazo.

Incanco zaragabanutse

Ariko iryo shirahamwe rivuga ko urugero rw'urucanco ku myaka ya mbere "rwagabanutse" gushika ku bice 85 kw'ijana, "kuri 95 kw'ijana bikenewe kugira ico kiza cirindwe".

Mu vyiyumviro vyabo bacishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwa televiziyo CNN yo muri Amerika, Tedros Adhanom Ghebreyesus arongoye OMS, hamwe na Henrietta Fore, arongoye ishirahamwe UNICEF ryitaho ibibondo kw'isi, bamenyesha ko isi "ihanzwe n'ikiza c'agasama".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugabane wa Afrika ukaba ariwo ubangamiwe gusumba - aho ibiharuro vyaduze gushika ku bice 700 kw'ijana (700%)

Bavuga kandi ko amakuru y'ibinyoma akwiragizwa ku vyerekeye incanco ari mu bituma iyo ndwara ishinga imizi.

Abo bategetsi bose banditse bavuga ko "muri ico gihe vyumvikana ko abavyeyi bashobora kwihenda kubera urukundo bafitiye abana babo", ariko ko "impera n'imperuka ata 'mpari' zari zikwiye kuhaba ku vyerekeye inyungu nyinshi z'incanco".

Bongeyeko bati: "Ubuzima bw'abantu barenga imiliyoni 20 bumaze kurokoka kuva mu mwaka wa 2000 kubera incanco z'agasama".

Mu buryo bwo guhangana n'ico kiza giherutse kwaduka, akamo karatewe mu bihugu bitari bike kugira ngo urwo rucanco rube nk'itegeko.

Mu kwezi guheze, igihugu c'Ubutaliyano carafashe ingingo y'ukubuza abana bari munsi y'imyaka itandatu kuja kw'ishure batacandazwe indwara z'ibihara, agasama z'izindi.

Eka no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, intara ya New York iherutse gutangaza ibihe bidasanzwe, aho yategetse abanyagihugu bose kuja kwicandagisha, uwutagiye nawe agacibwa amande.