Umukuru w'akanama kajejwe ibwirizwa shingiro rya Algeria yakinjuye nyuma yo kubisabwa n'abigaragamvya

Tayeb Belaiz yari umwe mu bakomeye bari bagize ubutegetsi bumaze igihe bwa Algeria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Tayeb Belaiz yari umwe mu bakomeye bari bagize ubutegetsi bumaze igihe bwa Algeria

Umukuru w'akanama kajejwe ibwirizwa shingiro rya Algeria, Tayeb Belaiz, yakinjuye nyuma yo gusabwa gutanga imihoho n'abaharanira demokrasi, bamaze iminsi mu myiyerekano mu mabarabara.

Mu ntango za kuno kwezi, abo bari mu myiyerekano barashoboye kugondoza uwari umukuru w'igihugu, Abdelaziz Bouteflika, atanga imihoho.

Bwana Bouteflika yemeye kuva ku butegetsi nyuma y'imyaka ishika mirongo itatu yari abumazeko.

Ariko naho vyagenze uko, abari mu myiyerekano ntibanyuzwe bakaba barabandanije basaba ibindi.

Bashaka ko urwego rwose rwa politike rwo muri Algeria rukinjura, kandi abihweza ivya politike bavuga ko bishoboka.

Ngo abari mu myiyerekano barashobora guhabwa ingoga n'uko bwana Belaiz yatanze imihoho, akaba yari uwundi muntu akomeye mu butegetsi bumaze igihe kirekire muri Algeria.

Ibindi bisa n’ibi