Ibivugwa kw'itiro bishobora 'kukwononera ubuzima'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Wari uzi ko ibivugwa kw'itiro bikemerwa gutyo atawuzi iyo vyazananye bishobora kukwononera ubuzima, ndetse bikakubuza n'amahirwe yo kuramba?
Ivyo biremezwa n'abashakashatsi.
Umugwi w'abashakashatsi bo muri kaminuza ya New York muri Amerika wamaze igihe wegeranya ibivugwa kuri internet vyemerwa na benshi nk'ibifasha kurara neza.
Mu cigwa basohoye mu kinyamakuru 'Sleep Health', bahuje ivyo abantu bemera batazi iyo vyazananye n'ibigaragazwa n'ubuhinga.
Bibaza ko gukuraho ivyo abantu bemera nk'ibinyegezwa batazi ukuri kwavyo, kwozana akarusho mu mibereho yabo, ku mubiri no mu mutwe.
None wewe wemera ibingana iki ku binyegezwa bivugwa kw'itiro atawuzi iyo vyazananye ?
Ica mbere - Urashobora kubaho neza uryama amasaha atanu gusa?
Ahavuye isanamu, Getty Images
Iki ni ikinyegezwa abenshi bemera ku buryo bisa n'aho kitazohava.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel avuga ko ashobra kumara indwi atarenza amasha ane buri ijoro.
Guheba amasaha y'itiro abantu bakabandanya akazi ko mu biro, ni ibintu bikunze kwumvikana mu majambo y'abavuga ko bateye imbere mu bugwizatunga canke kwitunganiriza imigambi.
Ariko abashakashatsi bavuga ko basanze ico kinyegezwa cakwiragijwe c'uko gusinzira munsi y'amasaha atanu ataco vyonona ku buzima bw'umuntu, ari kimwe mu bituma amagara yacu asinzikara.
Dr Rebecca Robbins agira ati: "Twaronse ivyemezo bihagije vyerekana ko gusinzira amasaha atarenga atanu canke ari munsi, vyongereza cane ingaruka mbi ku magara y' umuntu".
Muri izo ngaruka harimwo ingwara z'umutima no gutakaza amahirwe yo kuramba.
Ahubwo uwo muganga ahanura buri muntu wese kugerageza kuryama hagati y'amasaha indwi na munani.
Ica 2 - Akayoga karafasha gutora itiro?
Ahavuye isanamu, Getty Images
Gusoma gatoya wiruhukira mw'ijoro, navyo uwo mugwi w'abashakashatsi bavuga ko vyemerwa na benshi nk'ikinyegezwa, haba ku kavinyu, inzoga zikaze kurusha nka whisky canke mbere icupa ry'ikiyeri.
Dr Robbins avuga ati: "Bishobora kugufasha gushika usinzira icinjira mu buriri, ariko biragabanya cane ubushobozi bwo kuruhuka neza".
Cane cane bikwicira ibihe vy'itiro ucamwo ubwonko buriko burakora, ari navyo bihe bigufasha kwibuka no kwiga.
Ego koko, urashobora gusinizra wanyoye, kandi ugasinzira ningoga, ariko inyungu wari gukura muri ukwo gusinzira no kuruhuka, ziba zatakaye.
Inzoga kandi zitera amafyigo kuyungurura cane amaraso yawe, gutyo bigatuma uruhago rwawe rwuzura umukoyo vuba na vuba.
Rero ushobora gukenera kuja ku mwanda muto mu gicugu.
Ica 3 - Kuraba televiziyo mu gitanda bifasha kuruhuka?
Ahavuye isanamu, Getty Images
Woba wigera wiyumvira uti 'reka nduhuke imbere yo kuryama, mbanze ndabe gato televiziyo'?
Aho rero, kuraba televiziyo amasaha yitereye bishobora kukwononera itiro.
Ariko Dr Robbins avuga ko iyo turaba televiziyo mw'ijoro, dusangamwo amakuru y'ibintu bitera kubura itiro no guhangayika imbere yo kuja kuryama, mu gihe twari dukwiye gutekana no kumererwa neza.
Ikindi kibazo ca televiziyo, kimwe na za telefone ngendanwa na "tablettes" - zizana umuco w'ubururu, uwo nawo ukaba ushobora gutevya umubiri gukora imisemburo bita melanotin.
Ica 4 - Nimba ubuze itiro, pfa kuguma mu buriri?
Ahavuye isanamu, Getty Images
Warageregeje ibishoboka vyose kugirango ushobore kwongera gusinzira, iyo wabuze itiro butaraca, uraharura urasubira, n'ibindi vyinshi bakubwiye ko bigufasha gusubira gusinzira - aho uri mu bagera kuri miliyoni 28.
None uca ugira gute? Inyishu n'uko utokomeza kurihata.
Ivyo, Dr Robbins avuga ko bica bituma uburiri bwawe ububonamwo ko aribwo burimwo ikibazo cawe co kudasinzira.
Agira ati: "Mubisanzwe bifata umuntu afise itiro risanzwe, iminota nka 15 canke mbere n'iyirenga ari maso mu buriri imbere yo gusinzira...vyiza wova mu buriri, ugahindura ikibanza ukaraba ikindi kintu ukora kitagusaba kwiyumvira gose".
"Nk'akarorero woja kuzinga impuzu".
Ica 5 - Kuzimya inkengeri kw'isaha wateganije ko igukangura?
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ni nde ataratuma ukuboko ngo azimye inkengeri yashizemwo ngo imuvyure (alarme) kuri telefone yiwe, yibaza ko kwiyongera iminota nk'itandatu bishobora gutuma aruhuka.
Ariko ubushakashatsi bwasanze umuntu akwiye kuvyuka acumva inkengeri.
Dr Robbins avuga ati: "Nivyo uzoganyira ushake kuryamira kuko kuri twese niko biri, ariko inanate ntusubire kugonera".
"Umubiri wawe urasubira mw'itiro ariko riba ari itiro ridafise ico rikumariye, ridafashe".
Ahubwo impanuro n'uko wokwugururira umuco mu cumba cawe ukinjira ari mwinshi ushoboka.
Ica 6 - Kugona ntaco bitwaye na mba?
Ahavuye isanamu, Getty Images
Kugona bishobora kuba ataco bitwaye, ariko kandi bishobora kuba imburizi y'ikibazo co kubura impwemu iyo uri mw'itiro kizwi nka 'apnoea'.
Ibi bituma inkuta z'imihogo zitezurirwa, imihogo ikaga, igashobora kumara akanya gato itinjije impwemu.
Abantu bafise ikibazo bene ico ca 'apnoea', bashobora gushikirwa n'ikibazo c'ivumbuka ry'umurindi w'amaraso, guhezagirika, n'ibindi bibazo birimwo impanuka yo guhagarara kw'umutima canke amaraso ntashikire ubwonko, bimwe bita AVC (stroke) canke indwara z'imitsi zifatira mu bwonko.
Kimwe mu bimenyetso vy'imburizi ni ukugona cane.
Dr Robbins avuga ko "kuryama arico gikorwa ca mbere c'ingirakamaro twese dukwiye kwitwararika mw'ijoro, kugira tugire amagara meza no kuramba".