'Abantu 150 babuzwe irengero' inyuma y’impanuka y’ubwato muri Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu batari bake barafata ingendo n'amato mu kiyaga Kivu
Umukuru w'igihugu ca Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo, Félix Tshisekedi, amenyesha ko abantu bashika 150 bapfuye inyuma y'aho ubwato barimwo buzamiye ku munsi wa mbere mu kiyaga Kivu kiri mu buseruko bw'ico gihugu.
Mu butumwa yacishije ku rubuga hwaniro rwa Twitter, Bwana Tshisekedi yanditse ati: "Ndababajwe cane n'ubwato bwazamye kw'igenekerezo rya 15 z'ukwezi kwa kane mu kiyaga Kivu. Igitigiri mfatakibanza ni abantu 150 babuzwe irengero".
Bwana Tshisekedi avuga ko ariko abikurikiranira hafi kugira ngo ababifisemwo uruhara bamenyekane kandi bahanwe. Arongera agahoza imiryango yaburiye ababo muri iyo mpanuka.
Delphin Mbirimbi, ari mu baharanira agateka ka muntu mu ntara ya Kivu y'ubumanuko, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ubwo bwato bwazamiye mu kiyaga Kivu, hafi ya territoire ya Kalehe, buvuye mu ntara ya Kivu y'uburaruko bihana urubibe.
Avuga ko ibiziga bitatu ari vyo vyari bimaze gutorwa, abantu 33 bararokorwa, abandi 150 baraburwa irengero.
Impanuka zihitana abantu zirarwiriye muri ico gihugu kinini, kigizwe n'amashamba manini ariko kikagira amabarabara make kandi ahanini ameze nabi.
Ingenzi zo muri ico gihugu zikaba zifashisha amato, akenshi arenza ibitigiri c'abo yategerezwa gutwara.