Leta ya Uganda ivuga ko igiye kwihweza ko yoha ubuhungiro Omar al-Bashir

Bwana Bashir w'imyaka 75 y'amavuko yahiritswe ku butegetsi muri uku kwa kane, yari yashitse ku butegetsi mu mwaka wa 1989 biciye mw'ihirika ry'ubutegetsi (Coup d'État) ryakozwe n'abasirikare

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Bwana Bashir w'imyaka 75 y'amavuko yahiritswe ku butegetsi muri uku kwa kane, yari yashitse ku butegetsi mu mwaka wa 1989 biciye mw'ihirika ry'ubutegetsi (Coup d'État) ryakozwe n'abasirikare

Umunyamabanga wa leta mu bushikiranganji bw'imigenderanire w'igihugu ca Uganda, Henry Okello Oryem, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ico gihugu gishobora kwihweza nimba coha ubuhungiro Omar al-Bashir yahora ari umukuru w'igihugu ca Sudani.

Bwana Okello avuga ko Uganda yafashe ico cemezo kubera Bwana Bashir aherutse gukurwa ku butegetsi inyuma y'imyiyerekano, yagize uruhara rukomeye mu twigoro two kugarukana amahoro muri Sudani y'Epfo.

AFP isubiramwo amajambo ya Bwana Okello avuga ati: " Mu gihe Uganda yosabwa guha Bashir ubuhungiro, ni ikintu gishobora kwigirwa ku rwego rwo hejuru mu butegetsi".

AFP imenyesha ko Bwana Okello asaba kandi abategetsi ba gisirikare muri Sudani "kwubahiriza ivyipfuzo vy'abanyagihugu, harimwo gushikiriza ubutegetsi abasivire biciye mu mwumvikano".

Hagati aho, intumwa z'ubutegetsi bushasha bwa girisikare muri Sudani zarabonanye na Moussa Faki Mahamat arongoye inama nkuru y'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika (AU) ejo ku wa kabiri ku cicaro cawo kiri i Addis Abeba, umugwa mukuru wa Ethiopia.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abari mu myiyerekano muri Sudani babandanya basaba ko igisirikare gisubiza ubutegetsi mu minwe y'abasivire

Uwo mubonano ubaye inyuma y'aho akanama kajejwe amahoro n'umutekano mu muryango AU gategekeye abo bategetsi ba gisirikare gusubiza ubutegetsi mu minsi 15.

AU imenyesha ko izo ntumwa zari zirongowe na Liyetena Jenerali Jalal al-Sheikh al-Tayeb, zikaba zashikirije Bwana Mahamat ikete ryarungitswe na Liyetena Jenerali Abdel Fattah Abdelrahman Burhan arongoye inama nkuru ya gisirikare yafashe ubutegetsi bwa Sudani vy'imfatakibanza, ariko bakaba batavuze ibirimwo.