Côte d'Ivoire yamenye amatoni ibihumbi 18 y’umuceri 'udakwiriye gufungurwa n'abantu'

Uwo muceri ukaba uriko utwarwa ahagenewe gutabwa iyarara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwo muceri ukaba uriko utwarwa ahagenewe gutabwa iyarara

Abategetsi b'igihugu ca Côte d'Ivoire bariko barasesa amatoni ibihumbi 18 vy'umuceri uvugwa ko udakwiriye gufungurwa n'abantu.

Mu ndwi zirangiye, umuceri wari uje uva mu gihugu ca Myanmar (cahoze citwa Birmanie) warabujijwe kwinjizwa ku bivuko bitari bike vyo muri Afrika y'uburengero, harimwo na Lomé, Conakry na Accra.

Uwo muceri wahavuye upakururwa ku kivuko co mu gisagara ca Abidjan hanyuma urapimwa, ari naho basanze utameze neza.

Uwo muceri ukaba uriko utwarwa ahagenewe gutabwa iyarara.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP