Abavukanyi ba Omar al-Bashir yahora ari perezida wa Sudani 'batawe muri yompi'

Abari mu myiyerekano bavuga ko batazoyihagarika gushika abakuru ba gisirikare bashikirije ubutegetsi abasivire Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abari mu myiyerekano bavuga ko batazoyihagarika gushika abakuru ba gisirikare bashikirije ubutegetsi abasivire

Leta ya gisirikare muri Sudani ivuga ko abagabo babiri bavukana n'umukuru w'igihugu aherutse gukurwa ku butegetsi, Omar al-Bashir, batawe muri yompi.

Umuvugizi w'igisirikare amenyesha ko ico ari kimwe mu bigize urugamba rwo kurandurana n'imizi "ivyaranga ubutegetsi bwahahora".

Avuga kandi ko imirwi ifise ibirwanisho itarekuwe n'amategeko yakorana n'umugambwe wahora ku butegetsi, ubu iri mu minwe y'igipolisi canke igisirikare.

Imbere y'aho, BBC yahawe amakuru n'igisirikare be n'incuti za Bwana Bashir ko uyo yahora ari umukuru w'igihugu yari mu gasho ku mugwa mukuru Khartoum - inyuma y'indwi akuwe ku butegetsi.

Hagati aho, imyiyerekano irabandanya, abayirimwo bakavuga ko batarota bava mw'ibarabara gushika abakuru ba gisirikare bari ku butegetsi babushikirije abasivire.

Umunyamakuru wa BBC Alastair Leithead ari i Khartoum yashoboye kwibonera ubwiwe abari muri iyo myiyerekano ibandanya hanze y'ibiro bikuru vya gisirikare.

Amenyesha y'uko ivyo igisirikare kimaze kubaha bidakwiye, ari naco gituma batariko bava mw'ibarabara gushika habaye impinduka bipfuza mu gihugu.

Ibindi bisa n’ibi