Umugore yagirizwa kubangamira umutekano w’amashure y'i Denver yatowe ikiziga

Sol Pais Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sol Pais yari azwi nk'uwishimira ubwicanyi bwabereye i Columbine

Igipolisi kivuga ko umugore w'imyaka 18 y'amavuko yikekwa ko yari abangamiye umutekano w'amashure yo mu gisagara ca Denver muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yatowe ikiziga mu bisa n'uko yiyahuye.

Sol Pais yari azwi nk'uwishimira ubwicanyi bwabereye kw'ishure rikuru rya Columbine mu mwaka wa 1999, aho imisore ibiri yagandaguye abanyeshure 12 n'umwigisha.

Vyabaye ngombwa ko amashure yose yo mu gisagara ca Denver yugarwa, abanyeshure barenga ibihumbi 400 bakaguma muhira, mu gihe uyo mugore yariko ahigwa nk'inkozi y'ikibi yari ibangamiye umutekano w'ayo mashure.

Yari yinjiye i Denver mu gihe hari hasigaye iminsi mike ngo bibuke ico gitero ca Columbine.

Umukuru w'ibiro bijejwe amahoro n'umutekano mu karere ka Jefferson, Jeff Shrader, yabwiye abanyamakuru ko uyo mugore asa n'uko yapfuye yirashe.

Imbere y'aho, kibicishije ku rubuga hwaniro rwa Twitter, ikigo kijejwe igendereza FBI cari camenyesheje ko ata kibazo c'umutekano w'abanyagihugu cari kikihari kubera ko uwikekwa yari yapfuye.

Mu kiganiro n'abanyamakuru, abategetsi bamenyesheje ko amashure yo muri ako karere ashobora kwugurura kuri uyu wa kane, kandi ko ibirori vyo kwibuka ubwicanyi bwo mu mwaka wa 1999 bitegekanijiwe ku munsi wa gatandatu bishobora kubandanya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibirori vyo kwibuka imyaka 20 iheze habaye ubwicanyi bw'i Columbine bizobandanya ata nkomanzi

Umukuru w'ibiro bijejwe amahoro n'umutekano muri Jefferson avuga ko uyo munyeshure yahora yiga kw'ishure rikuru rya Miami Beach yari yavuye i Miami ku munsi wa mbere aja i Denver akaba yari yaguze inkoho n'amasasu.

Mu kindi kiganiro n'abanyamakuru ku munsi wa gatatu ku mugoroba, Dean Phillips akora mu kigo FBI kijejwe igendereza muri Amerika, yabwiye abanyamakuru ko "ivyo uyo mugore Pais yakora n'ivyo yavuga" vyari vyatumye abategetsi bamufata nk'uwushobora kuba ari inkozi y'ikibi.

Igipolisi kimenyesha ko uyo mugore yari yitwaje ikirwanisho kandi ko yari abangamiye bikomeye cane umutekano w'abanyagihugu.

Ubu, abategetsi bariko bakora amatohoza kugira ngo bamenye nimba ata bandi bantu bakorana na Pais kandi ko ata bindi bishobora kubangamira umutekano bihari.