Urusengero rwahitanye abantu 13 muri Afrika y'epfo igihe rwabagwako bari mu misa

Imbere mu rusengero rwahenutse

Ahavuye isanamu, KZN EMS/ Arrive Alive

Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji w'akazi Mildred Oliphant yateganya kuja mu misa muri urwo rusengero

Abantu batari munsi ya cumi na batatu bitavye Imana baguweko n'uruhome rw'inyubakwa y'ishengero rya 'Pentecote' rwahenutse bariko basoma imisa yo kuwa gatanu mutagatifu, ubanziriza Pasika.

Abajejwe gutabara bavuga ko abantu 29 bajanywe mu bitaro, baguweko n'uruhome rw'urwo rusengero mu ntara ya Kwazulu-Natal.

Abategetsi bo muri iyo ntara bavuga ko vyavuye ku mvura nyinshi yaraye iguye mu karere ka eMpageni mw'ijoro ryo kuwa kane.

Uruhome rw'imbere rw'isengero rya Pentecostal Holiness rwasenyutse mu ntango y'igiteramo cari categuwe kumara iminsi itatu, gushika ku munsi w'Imana kuri Pasika.

Kuri uyu wa gatanu, imisa yabereye mw'ihema hanze, nk'uko vyavuzwe na Tereviziyo eNCA.

Perezida Cyril Ramaphosa yari yagendeye urwo rusengero mu mwaka uheze, bikavugwa ko bamwe mu bakirisu baho bari bamusavye kubafata mu mugongo kugirango bubake urusengero rushasha.

Umushikiranganji w'abakozi n'akazi Mildred Oliphant niho asanzwe asengera kandi yateganya kuja no mu misa yo kuri uyu wa gatanu mweranda.

Ashitse muri ico kibanza yagize ati: "No muri bino bihe bitoroshe, dutegerezwa kuguma twizigiye Imana".

Ushobora kwifuza kumenya :

Umwe mu bategetsi baho mu karere, Lennox Mabaso, yabwiye SABC news ko iyo nyubakwa "yari ikomeye neza".

Yagize ati "ni ibishika, ni Imana yabishatse, na Perezida nta bubasha afise bwo kubihagarika."

Nawe avuga ko ari "imvura nyinshi yateye ingaruka muri ako karere".