Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Islamic State, uvuga ko wagavye igitero ca mbere muri Kongo

Abarwanyi ba Islamic State muri Irake mu 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Islamic State ivuga ko yagavye igitero muri Kongo, ariko abahinga bavuga ko bigoye kwemera

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Islamic State, wemanze ko wagavye igitero cawo ca mbere mu gihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona n'uwo mugwi, wavuze ko abarwanyi bawo bagavye igitero ku kirindiro c'abasirikare ba Kongo.

Ico gitero ngo cagabwe ku kirindiro kiri i Kamango, hafi y'urubibe n'igihugu ca Uganda, ngo abo barwanyi barica banakomeretsa abasirikare benshi.

Mu rugendo aherukamwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umukuru w'igihugu ca Kongo Felix Tshisekedi yavuze ko umugwi w'abanye Uganda, ADF, wacengewe na Islamic State.

Ariko benshi mu bihweza utuntu n'utundi basa n'abatemera na gatoyi ibivugwa n'abajejwe intwaro muri Uganda hamwe na Kongo, yuko hoba hari isano na ritoyi.

Bavuga ko aka ari akaryo ko kugerageza kuronswa imfashanyo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu kurwanya ubutagondwa, ngo kandi mu vy'ukuri intambara ziri mu buseruko bwa Kongo ziterwa n'abanyepolitike bo muri ako gace nyene.