Abari mu myiyerekano muri Sudani bavuga ko bagiye gushinga leta mfatakibanza

Abari mu myiyerekano batinya ko akarwi igisirikare kibandanya gutwara cihishije Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abari mu myiyerekano batinya ko akarwi igisirikare kibandanya gutwara cihishije

Abarongoye imyiyerekano mu gihugu ca Sudani bamenyesha ko bashikiriza abagize ubutegetsi mfatakibanza ku munsi wa Mungu, kugira ngo basuburire inama nkuru ya gisirikare ibufise muri kino gihe.

Ni inyuma y'amezi atari make abanyagihugu bari mu myiyerekano yatumye mu ndwi iheze igisirikare gikura ku butegetsi Omar al-Bashir yari abumazeko imyaka 30.

Ariko abari mu myiyerekano babandanya basaba ko ubwo butegetsi bushikirizwa abasivire.

Mu ntumbero y'ugushigikira ico cipfuzo cabo, abantu isinzi barugarije ibiro vya gisirikare ejo ku munsi wa gatanu, baririmba bavuga ngo: "Ubwigenge, amahoro n'ubutungane".

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rimenyesha ko ejo ku wa gatanu, abantu ibihumbi n'ibihumbi bakoraniye hagati ku mugwa mukuru Khartoum, inyuma y'amasengesho y'uwo munsi, mu myiyerekano itari bwigere ibaho kuva Bwana Bashir akuwe ku butegetsi.

Igisirikare caremeye ibitari bike bisabwa n'abari mu myiyerekano, harimwo n'uko bashobora kwitorera umushikiranganji wa mbere.

Ariko, caranse gusubiza ubutegetsi, mu gihe abanyagihugu ba Sudani batari bake batinya ko akarwi k'abasirikare n'abanyepolitike kamye ku butegetsi kuva kera ariko kabandanya gutwara kihishije.

Rania Ahmed, umukenyezi w'imyaka 26 y'amavuko ari muri iyo myiyerekano yabwiye Reuters ati: "Tutagumye hano, ni nk'uko ataco tuzoba twakoze, tuzoguma aha gushika twomoye inama nkuru ya gisirikare".

Ishirahamwe ry'abahinga barongoye iyo myiyerekano rivuga ko ritegura ikiganiro n'abamenyeshamakuru hanze y'ibiro bikuru vya gisirikare ku munsi wa Mungu isaha imwe z'ijoro, aho rizoca rimenyesha abazoba bagize inama nkuru mfatakibanza

Ahmed al-Rabia, arongoye inama mpuzamashirahamwe y'abaganga, aba "injeniyeri" be n'abigisha, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Turiko dusaba ko iyi nama ya gisivire, izoba ifise abaserukira igisirikare, isubirira inama nkuru ya gisirikare".

Hagati aho, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko muri ino minsi y'impera y'indwi zizorungika i Khartoum muri Sudani Makila James, icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire ajejwe akarere ka Afrika y'Ubuseruko.

Morgan Ortagus avugira ubwo bushikiranganji avuga ati: "Ico abanyagihugu ba Sudani bipfuza kirazwi. Harageze ko hashingwa leta mfatakibanza ihuriyemwo bose kandi yubahiriza agateka ka zina muntu n'intwaro ibereye".

Iyo myiyerekano yatanguye mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze wa 2018, ivuye kw'iduzwa ry'ibiciro vy'ibitoro n'umukate biguma biduga.

Iyo myiyerekano yagiye kuvamwo iyo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Perezida Omar al-Bashir amaze imyaka 30 ku butegetsi, bamusaba ko yotanga imihoho.